22 None rero ndakwinginze, nawe unyumvire, jewe umuja wawe, unyemerere ngire utwo nkuronderera, ufūngure, kugira ng’ usubiremw’ intege ubashe kugenda.
Maze nya mupfumukazi aza aho Sauli ari, abona ko yihebūye, aramubarira, ati Rāba jewe umuja wawe nakwumviye, mpeba amagara, nemera ivyo umbariye.
Aranka, at’ Eka singomba kurya. Arikw abantu biwe bo na nya mupfumukazi baramugōbēra, arabemerera, ava hasi, yicara ku buriri.