Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 28:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Maze nya mupfumukazi aza aho Sauli ari, abona ko yihebūye, aramubarira, ati Rāba jewe umuja wawe nakwumviye, mpeba amagara, nemera ivyo umbariye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 28:21
6 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ivyo bituma umwami w’i Siriya yījījanya imitima, ahamagaza abantu biwe, arababaza, ati Mbega ntimwombarira umuntu wacu ari ku ruhande rw’ umwami w’Abisirayeli uw’ ari we?


Ar’ ugupfa, mpfe, Ar’ uguheba amagara yanje, ndayahebe.


Maze mbonye ko mwanse kudutabara nca nīrya uko ndi, ndajabuka ndwana n’ Abamoni, Uhoraho abagabura mu maboko yanje. None n’iki gitumye uyu musi muza kurwana nanje?


kuko yahevye amagara yiwe, akica wa Mufilisitiya, Uhoraho akarokora Abisirayeli uburyo bukomeye. Nawe ubibonye uranezerwa. None n’iki kigutera kugira nabi, ukavisha amaraso y’ūtācumuye, ngo wice Dawidi umuhōye ubusa?


Buno Sauli yikubita hasi, ararambarara, kukw aranduwe umutima n’ivyo Samweli amubariye; kandi na kare yar’ asanzwe adafise intege, kuko yari yiriwe ubusa kand’ akaburāra.


None rero ndakwinginze, nawe unyumvire, jewe umuja wawe, unyemerere ngire utwo nkuronderera, ufūngure, kugira ng’ usubiremw’ intege ubashe kugenda.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ