Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 28:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Nuko Samweli abaza Sauli, ati N’iki gitumye uza kunkoma, ukanzūra? Sauli aramwishura, ati N’uko ndi mu magorwa, kukw Abafilisitiya baje kuntera, kand’ Imana ikaba yarantaye, ata co ikinyishura, ari mu bo ivugisha canke mu nzozi. Ni co kinteye kuguhamagara, ng’ummenyeshe ico nkwiye gukora.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 28:15
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ntunte kure yo mu nyonga zawe, Ntunkūreko Mpwemu wawe Yera.


Ūsubira inyuma mu mutima wiwe azohāzwa n’inzira ziwe ubgiwe, Umuntu mwiza na we azohāzwa n’ibikorwa vyiwe.


Naho borera abana babo, nzobabahēkūra, ntihaze hagire umuntu asigara: mbere bazobona ibara igihe nzoba mbataye!


Maz’ azobgira n’abar’ i bumoso, ati Mva i ruhande, mwa bivume mwe, muje mu muriro utazima wateguriwe wa Murwanizi n’abamarayika biwe.


Maz’ aramubarira, ati Ngaho Samusoni, Abafilisitiya baragushikiriye! Aca arakanguka, agira ngw arabakira nk’uko yahora, abīkunkumure. Ariko ntiyar’ azi yuk’ Uhoraho yamuretse.


Maze Sauli atinya Dawidi, kuk’ Uhoraho yari kumwe na we, ariko we akaba yamuvuyeko.


Nuko Dawidi asiguza Uhoraho, ati Mbega nje kurwanya abo Bafilisitiya? Uhoraho yishura Dawidi, ati Genda ubarwanye, utabare ab’i Keyila.


Nuko Dawidi yongera gusiguza Uhoraho. Uhoraho aramwishura, ati Haguruka umanuke uje i Keyila, kuko nzogabura Abafilisitiya mu maboko yawe.


Uwo mupfumukazi aramubaza, at’ Ugomba ko nkuzūrira nde? Na we ati Nzūrira Samweli.


Samweli aramwishura, at’ Ubimbarije iki, k’ Uhoraho yakuretse, agahinduka umwansi wawe?


Arikw asiguje Uhoraho, ntiyagira ico amwishura, ari mu nzozi, ari mu buryo bga Urimu, haba no mu bavugishwa na we.


Nuko Sauli ariyoberanya, yambara izindi mpuzu, ajana n’abantu babiri, baja kur’ uwo mupfumukazi mw ijoro. Maze Sauli aramubarira, ati Ntabara umpamagarize umuzimu ubumenyi bgawe, unzūrire uwo ngira nkubarire.


Maze Dawidi agira intuntu nyinshi, kukw abantu bāvuga nk’abagomba kumutera amabuye; bose bāri n’akabonge kubg’ abana babo b’abahungu n’abakobga; ariko Dawidi arīremēsha, yisunze Uhoraho Imana yiwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ