Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 28:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Sauli aramubaza, ati Gisa gite? Na we ati Hariko haradūga umutāma, kandi yambaye igikwemu. Maze Sauli aca amenya kw ari Samweli, akubita inkoro hasi, aramwūnamira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 28:14
7 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nukw avayo, aragenda abona Elisa mwene Shafati, arikw ararimisha inka mirongwibiri na zine zirongōye imbere yiwe, zisangiye ingōgo ari zibiri‐zibiri, na we ari ku z’imperēra; Eliya akebereza iy’ ari, amutererak’ umutamana wiwe.


Arababaza, at’ Uwo muntu yaje guhūra namwe, akababarira ayo magambo, asa ate?


Maze Eliya yābīra umutamana wiwe, arawuzinga, awukubitisha amazi, aca yigabanyamwo kubiri, amwe aja ukwayo ayandi ukwayo, nuko bompi bajabukira ahūmūtse.


Nuko Samweli agihindukira ngw agende, Sauli ashingīra umutwe w’impuzu yiwe, iratabuka.


Hanyuma Dawidi na we ava hasi, ava mur’ iryo senga nyene, ahamagara Sauli, at’ Urazirikanye, mugenzi! Sauli akebutse, Dawidi akubita inkoro hasi, aramwūnamira.


Umwami aramwishura, ati Hūmura! Mbarira ico ubonye. Nya mupfumukazi aramwishura, ati Mbonye igisa n’imana kidūga kiva i kuzimu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ