12 Uwo mupfumukazi abonye Samweli, atura ubuku n’ijwi rirenga, abaza Sauli, at’ Umbesheye iki? Erega ni wewe Sauli!
Bukeye Yakobo agize artya, asanga ni Leya: abaza Labani, at’ Ivyo wangize n’ ibiki? Sinagukoreye kuri Rakeli? Icatumye umpenda n’iki?
Maz’ Uhoraho abarira Ahiya, at’ Ehe muka Yerobowamu araje kukubaza ivy’ umwana wiwe arwaye; nuk’ umubgire ibi n’ibi; kandi ni yashika, aza kuba yihinduye uwundi.
Uwo mupfumukazi aramubaza, at’ Ugomba ko nkuzūrira nde? Na we ati Nzūrira Samweli.
Umwami aramwishura, ati Hūmura! Mbarira ico ubonye. Nya mupfumukazi aramwishura, ati Mbonye igisa n’imana kidūga kiva i kuzimu.
Samweli yar’ amaze gupfa; Abisirayeli bose bari baramuririye, bamuhamba i Rama mu gisagara yabamwo. Kandi Sauli yari yarahoneje abahamagara imizimu n’ abamenyi mu gihugu.