10 Sauli amurahira Uhoraho, ati Nkurahiye uguhoraho kw’Uhoraho hakagira ico uzoba kubg’ ibi.
kukw Imana izi yuk’ umusi mwabiriyeko, amaso yanyu azokwihweza, mukamera nk’ Imana ku vyo kumenya iciza n’ikibi.
Aramwishura, ati Ndakwinginze mugenzi, undahire Uhoraho Imana yawe, kugira ng’ ūhōra uwishwe ntaz’ aze kwica, bakamarīra n’agahungu nari nsigaranye. Umwami aramwishura, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, yukw ata n’agashatsi na kamwe ko ku mutwe w’umwana wawe kazohara ngo gakorokere hasi.
Ntugapfe kuvuga izina ryanje, jewe Uhoraho Imana yawe, ku vy’ ubusābusa; kuk’ uworivuga ku vy’ubusābusa, jewe Uhoraho ntobura kubimuhōra.
Yongera kubihakana arahira, at’ Uyo muntu sindanamuzi.
Aramurahira, at’ Ico unsaba cose ndakiguha, n’iyo coba igisate c’ubgami bganje.
Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, yama arokora Abisirayeli, naho yoba umwana wanje Yonatani, arapfa nta kabuza! Ariko mu bantu bose ntihagira n’umwe agira ico amwishura.
Nuko Sauli yumvira Yonatani, aramurahira, ati Ndahiye uguhoraho kw’ Uhoraho akaba agipfuye!
Uwo mupfumukazi aramubaza, at’ Ugomba ko nkuzūrira nde? Na we ati Nzūrira Samweli.
Uwo mupfumukazi aramwishura, ati Mbega ntuzi ivyo Sauli yakoze, ingene yahoneje abahamagara imizimu n’abamenyi mu gihugu? N’iki gitumye ugomba kunta mu mutego, kugira ng’ unyicishe?