9 Nuko Dawidi ageseza ico gihugu, ntiyagira umugabo cank’ umugore asiga atishe; anyaga intama n’inka n’ indogoba n’ingamiya, asahura n’ impuzu; maze yatabāruka akaja kwa Akishi.
Umumarayika asanga ageze i ruhande y’isōko y’amazi mu bugaragwa, ni yo sōko iherereye ku nzira ija i Shura.
Abiwe bahēra i Havila basagaza gushitsa i Shura, aharābana na Egiputa, mu nzira ija muri Ashuri; kandi Ishimayeli yari yapfuye aho yishingiye amahema asita bene wabo bose.
Itunga ryiwe ryar’ intama ibihumbi ndwi, n’ingamiya ibihumbi bitatu, n’inka igihumbi zirima, n’indogoba zivyara amajana atanu, n’abahinda mu rugo benshi cane; nuk’ uwo muntu yar’ ūhambaye gusumba abantu bose b’i burasirazuba.
Mose ajana Abisirayeli, bararamvura, bava ku Kiyaga Gitukura, bataha mu bugaragwa bg’i Shura, bagenda imisi itatu mur’ ubgo bugaragwa, babura amazi.
Bageseza ivyari mur’ ico gisagara vyose, bicisha inkota abagabo n’abagore, abato n’abashaje, n’inka n’intama n’indogoba.
None rero genda, utere Abamaleki, ubarandure rwose n’ivyo bafise vyose; ntuz’ ugire uwo uziguriza, arik’ uz’ ugeseze abagabo n’abagore n’abana, mbere n’abonka, bo n’inka n’intama n’ingamiya n’indogoba.
Maze Sauli ageseza Abamaleki uhereye i Havila ugashitsa i Shura, aharābana na Egiputa.
Afata mpiri umwami wabo Agagi, aranduza abantu bose inkota.