8 Bukeye Dawidi n’ingabo ziwe baradūga, batera Abageshuri n’ Abagiruzi n’Abamaleki; abo ni bo bār’ inyamo z’ico gihugu uhereye kera, kurinda ushika i Shura n’ igihugu ca Egiputa.
uwa kabiri ni Kileyabu, uwo yavyaye kuri Abigayili, yahora ari muka Nabali w’i Karumeli; uwa gatatu ni Abusalomu, uwo yavyaye kuri Mayaka, umukobga wa Talumayi umwami w’i Geshuri;
Hanyuma Geshuri na Aramu banyaga aba Yayiri ivyo bisagara, bo n’i Kenati n’udusagara tuhakūkira, vyose na vyose vyar’ ibisagara mirongwitandatu. Abo bose ni bo bandurutse kuri Makiri se wa Gileyadi.