Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 27:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Bukeye Dawidi n’ingabo ziwe baradūga, batera Abageshuri n’ Abagiruzi n’Abamaleki; abo ni bo bār’ inyamo z’ico gihugu uhereye kera, kurinda ushika i Shura n’ igihugu ca Egiputa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 27:8
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Yowabu arahaguruka, aja i Geshuri, agarukana Abusalomu i Yerusalemu.


Abusalomu yishura Yowabu, ati N’uko nagutumyeko ng’uze hano ngutume ku mwami, ukanka; kwar’ ukugira ng’umumbarize icanzanye nkava i Geshuri; ut’ Iciza kwar’ uko yopfumye agumayo: none rero ndagomba kurenguka imbere y’umwami; kandi namba har’ ibigabitanyo mfise, apfume anyica.


Kuko nasezeranye isezerano, jewe umusavyi wawe, igihe naba i Geshuri muri Siriya, nt’ Uhoraho ni yaramuka anshubije i Yerusalemu, nzomusaba.


Maze Yowabu n’abantu ba Dawidi baragaruka bavuye gutera, bazanye iminyago myinshi; ariko Abuneri ntiyar’ akiri kumwe na Dawidi i Heburoni, kuko yar’ amaze kumurekura, yīgīriye amahoro.


uwa kabiri ni Kileyabu, uwo yavyaye kuri Abigayili, yahora ari muka Nabali w’i Karumeli; uwa gatatu ni Abusalomu, uwo yavyaye kuri Mayaka, umukobga wa Talumayi umwami w’i Geshuri;


i Siriya n’i Mowabu no mu Bamoni no mu Bafilisitiya no mu Bamaleki, bo na ya masahu yari yarasahuye umwami w’i Zoba, Hadadezeri mwene Rehobu.


Hanyuma Geshuri na Aramu banyaga aba Yayiri ivyo bisagara, bo n’i Kenati n’udusagara tuhakūkira, vyose na vyose vyar’ ibisagara mirongwitandatu. Abo bose ni bo bandurutse kuri Makiri se wa Gileyadi.


Mose ajana Abisirayeli, bararamvura, bava ku Kiyaga Gitukura, bataha mu bugaragwa bg’i Shura, bagenda imisi itatu mur’ ubgo bugaragwa, babura amazi.


Maze haza Abamaleki, baterera Abisirayeli i Refidimu.


Kand’ igihugu c’i Negebu kibamw’ Abamaleki, n’umugamba waho ubamw’ Abaheti n’Abayebusi n’Abamori; kand’ ahaherereye ku kiyaga haba Abanyakanani, bo n’ahaherereye kuri Yorodani.


Maz’ Abamaleki bamanukana n’Abanyakanani baba mur’ iyo misozi, barabanesha, barabirukana, babashitsa i Horuma.


yatwara uhereye ku musozi Herumoni n’i Saleka n’i Bashani hose, gushitsa ku rugabano rw’Abageshuri n’Abanyamayaka, n’igihimba c’i Gileyadi gushitsa ku rugabano rwa Sihoni umwami w’i Heshiboni.


Yamar’ Abisirayeli bo ntibirukanye Abageshuri cank’ Abanyamayaka; arikw Abageshuri n’Abanyamayaka baciye babana n’Abisirayeli kugeza na bugingo n’ubu.


Ibi ni vyo bihugu bisigaye: igihugu cose c’Abafilisitiya, n’ic’ Abageshuri cose,


Mugabo ntibirukanye Abanyakanani bāba i Gezeri, arikw abo Banyakanani bībēra mu Befurayimu gushitsa n’ ubu, bahinduka abaja bo gushingwa ibikebere.


Abefurayimu na bo ntibirukanye Abanyakanani baba i Gezeri, arikw Abanyakanani babana na bo ngaho nyene i Gezeri.


Nuko Akishi ahamagaza Dawidi, aramubarira, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, warabaye umwizigirwa, kandi kubganje nta cokubujije ko wotabaranye nanje mu rugamba, tugatabarukana; kuk’ uhereye igihe waziye i wanje, nta kibi nakubonyeko gushitsa n’ubu; ariko rer’ abaganwa ntibagushima.


Nuko Dawidi n’ingabo ziwe bashika i Sikulagi ku musi ugira gatatu, basanga Abamaleki bateye igihugu c’i bumanuko n’i Sikulagi, basanga i Sikulagi bāhanesheje, bāhaturiye,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ