Nukw akiri mu nzira asubira i Sikulagi, abo bantu bo mu Bamanase bāciye bamucīkira, ni bo aba: Aduna na Yozabadi na Yediyayeli na Mikayeli na Yozabadi na Elihu na Siletayi, abakuru bo mu mazu y’Abamanase.
Maze Dawidi abarira Akishi, ati Ni naba ngutonnyeko, ntabaza ikibanza mu gisagara kimwe co mu vyo mu gihugu, abe ari ho nja kuba; har’ icotuma jewe umusavyi wawe ndinda kubana nawe ku murwa wawe?
Arikw abo bagabisha b’Abafilisitiya baramurakira, baramubarira, bati Subizay’ uwo mugabo, asubire ha hantu hiwe wamuhaye; nta co ajana natwe mu ntambara, ntahave aduhindukira umurwanizi mu rugamba. Mbeg’ uru rugabo, icosubira kurwuzuza na shebuja n’iki? S’imitwe y’aba bantu?