Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 27:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Nuk’ uwo musi Akishi amugabira i Sikulagi; ni co catumye i Sikulagi haba ah’ abami b’Abayuda bīzīziye na bugingo n’ubu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 27:6
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Sauli amaze gutanga, Dawidi na we atabarutse avuye kugeseza Abamaleki, amaze kabiri i Sikulagi,


Aba ni bo bagiye kubana na Dawidi i Sikulagi, igihe yar’ acinyegeje Sauli mwene Kishi, kandi bāri muri ba bahizi bāmutabara mu ntambara;


Nukw akiri mu nzira asubira i Sikulagi, abo bantu bo mu Bamanase bāciye bamucīkira, ni bo aba: Aduna na Yozabadi na Yediyayeli na Mikayeli na Yozabadi na Elihu na Siletayi, abakuru bo mu mazu y’Abamanase.


bāba n’i Sikulagi, n’i Mekona no mu bisagara bihakūkira,


na Sikulagi na Beti‐marakaboti na Hasari‐susa,


kuko yahevye amagara yiwe, akica wa Mufilisitiya, Uhoraho akarokora Abisirayeli uburyo bukomeye. Nawe ubibonye uranezerwa. None n’iki kigutera kugira nabi, ukavisha amaraso y’ūtācumuye, ngo wice Dawidi umuhōye ubusa?


Maze Dawidi abarira Akishi, ati Ni naba ngutonnyeko, ntabaza ikibanza mu gisagara kimwe co mu vyo mu gihugu, abe ari ho nja kuba; har’ icotuma jewe umusavyi wawe ndinda kubana nawe ku murwa wawe?


Arikw abo bagabisha b’Abafilisitiya baramurakira, baramubarira, bati Subizay’ uwo mugabo, asubire ha hantu hiwe wamuhaye; nta co ajana natwe mu ntambara, ntahave aduhindukira umurwanizi mu rugamba. Mbeg’ uru rugabo, icosubira kurwuzuza na shebuja n’iki? S’imitwe y’aba bantu?


Nuko Dawidi n’ingabo ziwe bashika i Sikulagi ku musi ugira gatatu, basanga Abamaleki bateye igihugu c’i bumanuko n’i Sikulagi, basanga i Sikulagi bāhanesheje, bāhaturiye,


Twari twateye i bumanuko mu Bakeriti, dutera n’i Buyuda, n’i bumanuko mu bga Kalebu, duturira n’i Sikulagi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ