Nuko Dawidi n’izo ngabo ziwe baba i Gati kwa Akishi, umuntu wese n’abo mu rugo rwiwe; Dawidi na we yari kumwe n’abagore biwe bompi, Ahinowamu w’i Yezireli, na Abigayili w’i Karumeli, yahora ari muka Nabali.
Maze Dawidi abarira Akishi, ati Ni naba ngutonnyeko, ntabaza ikibanza mu gisagara kimwe co mu vyo mu gihugu, abe ari ho nja kuba; har’ icotuma jewe umusavyi wawe ndinda kubana nawe ku murwa wawe?