Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 27:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Nuko Dawidi arahaguruka, bo na za ngabo amajana atandatu zari kuri we, barajabuka baja kwa Akishi mwene Mayoki, umwami w’i Gati.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 27:2
7 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aba ni bo bagiye kubana na Dawidi i Sikulagi, igihe yar’ acinyegeje Sauli mwene Kishi, kandi bāri muri ba bahizi bāmutabara mu ntambara;


Uwo musi Dawidi arahaguruka ahunga Sauli, aja kwa Akishi umwami w’i Gati.


Abantu ba Akishi baramubarira, bat’ Uyu si Dawidi umwami wa ca gihugu? Si we bāvyinira bitabiriza, bati Sauli yishe ibihumbi, Dawidi we yica ibihumbi indiri?


Nuko Dawidi abarira abantu biwe, at’ Umuntu wese n’ahagatire inkota yiwe. Nuk’ umuntu wese ahagatira inkota, na Dawidi na we ahagatira iyiwe; nukw abantu nk’ amajana ane badūgana na Dawidi, abagiye imbere; arikw abandi amajana abiri basigara ku bintu.


Dawidi araheza asiguza Uhoraho, ati Mbega ni nakurikira ico gitero nzogihamvya? Aramwishura, ati N’ubakurikire, kuk’ utazobura kubahamvya, ukabāka vyose.


Nuko Dawidi aragenda, bo na za ngabo zari kumwe na we ukw ar’ amajana atandatu; bashitse ku mugezi Besori, abāri basigaye inyuma bagumaho.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ