Abisirayeli bose bumva bavuga ko Sauli yatsinze Abafilisitiya bo mur’ izo nsago, kandi kw ari bo nyene bāsomboroje Abafilisitiya. Nukw abantu bakōndōrera kuri Sauli i Gilugali.
Ariko Dawidi ntiyagira umugabo cank’ umugore asiga atishe, kugira ngo ntabajane i Gati, ati Boye kuturega, ngo Dawidi yakoze artya n’ artya. Uko ni ko yahora agenza igihe cose yamaze aba mu gihugu c’Abafilisitiya.