Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 27:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Akishi ngw amubaze, at’ Uyu musi wateye hehe? Dawidi akamwishura, ati Nateye i bumanuko mu Buyuda; cank’ ati Nateye i bumanuko mu ba Yerameyeli; cank’ ati Nateye i bumanuko mu Banyakeni.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 27:10
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aramubaza, ati Mbeg’ uri Esau umwana wanje koko? Aramwishura, ati Ndi we.


Maz’ abantu ba Abusalomu bashikīra nya mugore mu rugo, baramubaza, bati Ahimasi na Yonatani bari hehe? Nya mugore arabishura, ati Bafashe hakurya. Nuko babarondeye, barababura, basubira i Yerusalemu.


Bene Yerameyeli imfura ya Hesironi n’aba: uw’ imfura ni Ramu, agakurikirwa na Buna na Oreni na Osemu na Ahiya.


Kand’ abana Hesironi yavyaye ni Yerameyeli na Ramu na Kelubayi.


Nanka ibinyoma, mvyanka urunuka: Arikw ivyagezwe vyawe ndabikunda.


Inzira y’ibinyoma n’ibe kure yanje: Umpere ubuntu ivyagezwe vyawe.


Gutinya abantu n’ukwitega umutego, Arik’ uwizigira Uhoraho azoba amahoro.


Maz’ atuma amaso Abanyakeni, yongera kuvugishwa, at’ Aho mwībēra harakomeye: Icāri canyu kiri hejuru ku gitandara!


Maze mwiyambuye ibinyoma, umuntu wese avugane ivy’ ukuri na mugenzi we, kuko tur’ ingingo za bagenzi bacu.


Maz’ abo mu ruvyaro rwa wa Munyakeni, muramu wa Mose, badūgana n’Abayuda bavuye mu gisagara co mu bigazi, baja mu bugaragwa bg’i Buyuda, ahahera i bumanuko bg’i Arada, babanayo na bene ho.


Heberi w’Umunyakeni yari yaritandukanije n’Abanyakeni bandi, ari bo buzukuruza ba Hobabu muramu wa Mose, yar’ ashinze ihema ryiwe musi y’igiti c’umweloni i Sananimu, hafi y’i Kedeshi.


Yayeli aragahezagirwa kurusha abandi bagore, Muka Heberi Umunyakeni Aragahezagirwa kurusha abandi bagore baba mu mahema!


Ariko Sauli abarira Abanyakeni, ati Hogi ni mugende, muve mu Bamaleki, noye kubarandurana na bo, kuko mwagiriye Abisirayeli bose neza, igihe bādūga bava muri Egiputa. Nukw Abanyakeni bava mu Bamaleki.


Dawidi yishura Ahimeleki umuherezi, at’ Umwami yantumye ku rubanza, arambarira ngo ntihagire umuntu n’umwe amenya ivy’ urwo rubanza yantumyeko, cank’ ico yangeze. Kand’ imikangara yanje nayirangiye ko tuzohūrira ahanaka.


haza intabaza kuri Sauli, iramubarira, iti Ngwino tebuka, kukw Abafilisitiya bateye igihugu.


Ariko Dawidi ntiyagira umugabo cank’ umugore asiga atishe, kugira ngo ntabajane i Gati, ati Boye kuturega, ngo Dawidi yakoze artya n’ artya. Uko ni ko yahora agenza igihe cose yamaze aba mu gihugu c’Abafilisitiya.


Dawidi abaza Akishi, ati None se nakoze iki? Uhereye igihe natanguriye kuba umusavyi wawe ukageza n’ubu, wambonyekw iki combuza kugenda gutera abansi bawe ga mwami wanje nyen’ ingoma?


n’ab’i Rakala, n’abo mu bisagara vya ba Yerameyeli, n’abo mu bisagara vy’Abanyakeni;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ