1 Samweli 27:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)1 Maze Dawidi yiyumvira mu mutima, at’ Umusi munaka, Sauli azoteba anyice; nta cosumba ko nohungira mu gihugu c’ Abafilisitiya, Sauli akampebūra, ntasubire kundondera mu gihugu cose c’Abisirayeli; uko ni ko noba ndamukize. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
None rero ndakwinginze, mugenzi, zirikana amajambo yanje jewe umusavyi wawe, mwami; asangw’ ar’ Uhoraho yakungomoreye, ni yemere ndamuhe ikimazi; na ho ni baba ar’ abantu, barakavumwa imbere y’Uhoraho, kuk’ ubu banciye, ngo singire umugabane mw ishamvu y’Uhoraho, bakavuga ngo ni ngende gusaba izindi mana.
Maz’ abagabisha b’Abafilisitiya barabaza, bati Mbeg’ abo Baheburayo bakora iki hano? Akishi yishura abo bagabisha b’Abafilisitiya, at’ Uyu si Dawidi, yar’ umuntu wa Sauli umwami w’Abisirayeli, akaba yamaranye nanje imisi, na ko n’imyaka? Kand’ uhereye igihe yacīkiye, akaza i wanje, nta kibi namubonyeko gushitsa n’ubu.