Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 27:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Maze Dawidi yiyumvira mu mutima, at’ Umusi munaka, Sauli azoteba anyice; nta cosumba ko nohungira mu gihugu c’ Abafilisitiya, Sauli akampebūra, ntasubire kundondera mu gihugu cose c’Abisirayeli; uko ni ko noba ndamukize.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 27:1
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Yerobowamu yivuganya mu mutima, at’ Ereg’ igihugu kizohava cisubirira ku b’inzu ya Dawidi.


Umwami araheza yīgīra inama, acurisha ibishushanyo vy’ amamasa bibiri mw izahabu, abarira abantu, at’ Erega birabagoye kwama mudūga i Yerusalemu: ehe rāba, ngizi imana zanyu zabakūye mu gihugu ca Egiputa, yemwe Bisirayeli!


Eliya aca aterwa n’ubgoba, akūra hasi, arahunga ngw akize amagara, aja i Beri‐sheba h’i Buyuda, ahasiga umuntu wiwe.


Bukeye Amaziya umwami w’ Abayuda aja inama, atuma kuri Yehowasi mwene Yehowahazi, Yehowahazi mwene Yehu, umwami w’Abisirayeli, muti N’uze muhangane.


Nkavuga ndandamutse, Nt’ Abantu bose n’abanyabinyoma.


Rāba, mba nyerereye ngashika kure, Nkarāra mu bugaragwa. Sela.


Iki si co twakubgira tukiri muri Egiputa, tuti Tureke, dukorere Abanyegiputa? Kukw iciza, kwar’ uko dukorera Abanyegiputa, hāko dupfira mu bugaragwa.


Ivyizigiwe bigateba, bivuna umutima, Arikw icifujwe iyo gishitse, kiba igiti c’ubugingo.


Ni jewe, ni jewe nyene mbahūmuriza; uri nde utinya umuntu, kand’ azopfa; n’umwana w’ umuntu, kand’ azohinduka nk’ivyatsi?


Mbeg’ Uhoraho atujanira iki mur’ ico gihugu, kwicirwayo n’ inkota? Abagore bacu n’ibibondo vyacu bakazoba abanyagano: non’ iciza s’uko twosubira muri Egiputa?


Buno Yesu aramvura ukuboko, aramucakira, aramubgira, ati Yewe w’ukwizera guke, n’iki cagukekeranishije?


Arababaza, ati N’iki kibateye ubgoba? Ntimurizera?


Hamwe twaja i Makedoniya umubiri wacu ntiwaribgatenzukirwe na gatoya, kuko twababajwe uburyo bgose; inyuma hār’ intambara, imbere hār’ ubgoba.


Maz’ Uhoraho abaza Samweli, at’ Uzogeza hehe kuririra Sauli, kandi namaze kwanka kw aba umwami w’Abisirayeli? Uzuza ihembe ryawe amavuta, uheze uze ngutume kuri Isayi w’i Betelehemu, kuko nironkeye umwami mu bahungu biwe.


Nuko Samweli aca yābīra rya hembe ry’amavuta, ayamusukako bakuru be bamukikije. Kuva uwo musi Mpwemu w’Uhoraho yama aza kuri Dawidi akābushūngwe. Nuko Samweli arahaguruka, asubira i Rama.


Dawidi aramwishura, at’ Erega so azi neza ko ngutonnyeko; ni co catumye yiyumvira, ati Yonatani ntābimenye ngo bimubabaze. Ariko vy’ukuri, ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, nawe nyene ndakurahiye, har’ agatambuko kamwe gusa hagati yanje n’urupfu.


Bukeye ūvugishwa n’Imana Gadi abarira Dawidi, ati Reka gukomeza kuba mur’ iryo senga; rivemwo, uje mu ntāra y’i Buyuda. Nuko Dawidi avayo, aja mu kibira c’i Hereti.


Aramubarira, ati Reka gutinya, kuk’ ukuboko kwa data Sauli kutazogushikīra; kand’ uzoba umwami w’Abisirayeli, nanje nzoba uwa kabiri kuri wewe; kandi data Sauli na we arabizi.


Nuko mugenzi, Uhoraho ni yamara kugushitsakw ivyiza vyose yakuvuzeko, akaguhindura segaba w’Abisirayeli,


None rero ndakwinginze, mugenzi, zirikana amajambo yanje jewe umusavyi wawe, mwami; asangw’ ar’ Uhoraho yakungomoreye, ni yemere ndamuhe ikimazi; na ho ni baba ar’ abantu, barakavumwa imbere y’Uhoraho, kuk’ ubu banciye, ngo singire umugabane mw ishamvu y’Uhoraho, bakavuga ngo ni ngende gusaba izindi mana.


Maz’ abaganwa b’Abafilisitiya bagenda bajanye ingabo zabo, hamwe ijana‐ijana, ahandi igihumbi‐igihumbi; kandi Dawidi n’ingabo ziwe bazanana na Akishi babakurikiye.


Maz’ abagabisha b’Abafilisitiya barabaza, bati Mbeg’ abo Baheburayo bakora iki hano? Akishi yishura abo bagabisha b’Abafilisitiya, at’ Uyu si Dawidi, yar’ umuntu wa Sauli umwami w’Abisirayeli, akaba yamaranye nanje imisi, na ko n’imyaka? Kand’ uhereye igihe yacīkiye, akaza i wanje, nta kibi namubonyeko gushitsa n’ubu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ