Maze Yohanani mwene Kareya abaririra Gedaliya mu mpisho i Mizipa, ati Ndekura ndakwinginze, nje kwica Ishimayeli mwene Netaniya; nta muntu azobimenya: mbega yokwicira iki, Abayuda bose batororokaniye kuri wewe bagasubira gusanzara, amasigarira y’i Buyuda agahona?
Nuko Dawidi aba mu masenga yo mu bugaragwa, aguma mu mugamba wo mu bugaragwa bg’i Zifu. Sauli akāma amurondera uko bukeye, arikw Imana ntiyamugabura mu maboko yiwe.
Maz’ izo ngabo za Dawidi ziramubarira, zit’ Uyu ni wa musi Uhoraho yakubgira kw azogabura umwansi wawe mu maboko yawe, ng’ uz’ umugire uk’ ugomba. Dawidi ava hasi, acacura umutwe w’impuzu ya Sauli buhoro‐buhoro.