Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 26:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Maze Abishayi abarira Dawidi, at’ Uyu musi Imana igabuye umwansi wawe mu maboko yawe; none rero reka ndamuzibure icumu rimwe gusa, rishinge hasi, sinsubīra ubga kabiri.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 26:8
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Abishayi umwana wa Seruwiya abaza umwami, at’ Ariko n’iki gituma tureka uwo muvyimba w’imbga akagenda aragutuka ga mwami wanje nyen’ ingoma? Hinge njabuke ndamuce izosi.


Kandi ntiwantanze mu maboko y’umwansi; Washize ibirenge vyanje ahantu hāgutse.


Maze Yohanani mwene Kareya abaririra Gedaliya mu mpisho i Mizipa, ati Ndekura ndakwinginze, nje kwica Ishimayeli mwene Netaniya; nta muntu azobimenya: mbega yokwicira iki, Abayuda bose batororokaniye kuri wewe bagasubira gusanzara, amasigarira y’i Buyuda agahona?


Ivyo muja imigabo k’Uhoraho n’ibiki? Azobageseza rwose: ubgo buyobe ntibuzorinda guhaguruka ubugira kabiri.


Kukw Imana yugaraniye abantu bose mu mugararizo, kugira ngw ibagirire imbabazi bose.


Umwe yoshoboye ate gukinagiza igihumbi, Na babiri kwirukana ibihumbi cumi, Iyo ca Gitandara cabo atabagura, Iy’ Uhoraho atabagabura?


Uhoraho abaha impore impande zose, nk’uko yarahiye ba sekuruza muri vyose; nta muntu n’umwe mu bansi babo yigeze kubahagarara imbere, arik’ Uhoraho yagenda agabura abansi babo bose mu maboko yabo.


Nukw Abayuda badūga gutera, maz’ Uhoraho agabura Abanyakanani n’Abaferizi mu maboko yabo, i Bezeki bahatsinda ibihumbi cumi mu ngabo zabo.


Nuko Dawidi aba mu masenga yo mu bugaragwa, aguma mu mugamba wo mu bugaragwa bg’i Zifu. Sauli akāma amurondera uko bukeye, arikw Imana ntiyamugabura mu maboko yiwe.


Maz’ izo ngabo za Dawidi ziramubarira, zit’ Uyu ni wa musi Uhoraho yakubgira kw azogabura umwansi wawe mu maboko yawe, ng’ uz’ umugire uk’ ugomba. Dawidi ava hasi, acacura umutwe w’impuzu ya Sauli buhoro‐buhoro.


Hanyuma Dawidi yumva umutima umuseka, kukw acacuye umutwe w’impuzu ya Sauli.


Uhoraho azokwishura umuntu wese ukugororoka kwiwe n’ukuyoboka kwiwe; ereg’ uyu musi Uhoraho yari yakumpaye, ndaheza nanka kubangura ukuboko ku wimikishijwe amavuta n’Uhoraho.


Nuko Dawidi na Abishayi bahenga mw ijoro baragenda, bashika mur’ izo ngabo, basanga Sauli yībīkiriye hagati y’aho bārāza imikogote y’intambara, icumu ryiwe rishinze haruguru y’umutwe wiwe, Abuneri n’ingabo baryamye bamukikije.


Ariko Dawidi yishura Abishayi, ati Ntumwice: har’ uwoshobora kubangurira ukuboko uwo Uhoraho yimikishije amavuta, ntābizire?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ