6 Maze Dawidi abaza Ahimeleki Umuheti na Abishayi umwana wa Seruwiya, murumuna wa Yowabu, ati Ni nde yomanukana nanje aho Sauli ashagaje? Abishayi aramwishura, ati Jewe turajana.
Akanakubaza, ati None ni nde yishe Abimeleki mwene Yerubayali? ati S’umugore yamuteye ingasire, yihagarariye ku ruzitiro, akagwa aho nyene i Tebesi? ati N’iki cabateye kwegereza uruzitiro murtyo? Uz’ uheze umubarire, ut’ Erega na wa muntu wawe w’Umuheti Uriya, na we yarapfuye.
Kand’ abanyamiheto bari bahagaze ku ruzitiro baturasa, twebge abantu bawe; hapfa bamwe bo mu bantu bawe, mwami, kandi hapfuye na wa muntu wawe w’Umuheti, Uriya.
Yowabu umwana wa Seruwiya na we, n’abantu ba Dawidi, baragenda bahūrira na bo ku kidengeri c’i Gibeyoni; nuko baricara, bamwe hakurya y’ ico kidengeri, abandi hakuno.