Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 26:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Maze Dawidi abaza Ahimeleki Umuheti na Abishayi umwana wa Seruwiya, murumuna wa Yowabu, ati Ni nde yomanukana nanje aho Sauli ashagaje? Abishayi aramwishura, ati Jewe turajana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 26:6
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kanani yavyaye imfura yiwe Sidoni, akurikizako Heti:


n’ic’ Abaheti n’ic’ Abaferizi n’ic’ Abarefa,


Aburahamu ava hasi, ava i ruhande y’ uwo muvyimba, abgira Abaheti,


Esau amaze imyaka mirongwine arongora Yuditi mwene Beyeri Umuheti, na Basemati mwene Eloni Umuheti:


Akanakubaza, ati None ni nde yishe Abimeleki mwene Yerubayali? ati S’umugore yamuteye ingasire, yihagarariye ku ruzitiro, akagwa aho nyene i Tebesi? ati N’iki cabateye kwegereza uruzitiro murtyo? Uz’ uheze umubarire, ut’ Erega na wa muntu wawe w’Umuheti Uriya, na we yarapfuye.


Kand’ abanyamiheto bari bahagaze ku ruzitiro baturasa, twebge abantu bawe; hapfa bamwe bo mu bantu bawe, mwami, kandi hapfuye na wa muntu wawe w’Umuheti, Uriya.


Maze Dawidi atuma kuri Yowabu, uti Murungikire wa Muheti Uriya. Nuko Yowabu aca arungika Uriya kwa Dawidi.


N’iki catumye ukēngēra ijambo ryanje jewe Uhoraho, ugakora ivyo mbona kw ari bibi, ukicisha inkota Uriya Umuheti, ugacūra umugore wiwe ukamugira rwawe, na we Uriya ukamwicisha inkota y’Abamoni?


Maz’ umwami agera Yowabu na Abishayi na Itayi, arababarira, ati Muze mundindire uwo muhungu Abusalomu, mumubungabunge. Kand’ ingabo zose zarumva, ah’ umwami yagera abo bagabisha bose ivya Abusalomu.


Yowabu umwana wa Seruwiya na we, n’abantu ba Dawidi, baragenda bahūrira na bo ku kidengeri c’i Gibeyoni; nuko baricara, bamwe hakurya y’ ico kidengeri, abandi hakuno.


Kand’ abana ba Seruwiya ukw ari batatu, Yowabu na Abishayi na Asaheli, ni ho bāri; kandi Asaheli yar’ impayamaguru nk’ingeregere yo mw ishamba.


Kandi Abishayi murumuna wa Yowabu umwana wa Seruwiya ni we yar’ umukuru wa bamwe mirongwitatu. Yarāgūriye icumu abantu amajana atatu, arabahindikiranya, aronka izina rya rurangiranwa mur’ abo mirongwitatu.


na Elifeleti mwene Ahasubayi w’i Mayaka, na Eliyamu mwene Ahitofeli w’i Giloni;


na Uriya Umuheti; bose na bose bari mirongwitatu n’indwi.


Umukogote umwe‐umwe bāwukūra muri Egiputa kuri shekeli z’ifeza amajana atandatu, ifarasi kw ijana na mirongwitanu. Kand’ abo bādandariza umwami bāshōrera n’abami bose bo mu Baheti n’abo mu Basiriya.


kuk’ Uhoraho yari yatumye haza mu matwi y’ingabo z’Abasiriya uguhinda kw’imikogote n’ukw’ amafarasi n’ukw’ ingabo nyinshi, bituma bavugana, bat’ Ereg’ umwami w’Abisirayeli yahēreye abami b’Abaheti n’abami bo muri Egiputa ngo badutere.


Araheza aravuga, at’ Iki ni co kigira kibamenyeshe yukw Imana nzima iri muri mwebge, kandi yukw itazobura kwirukana Abanyakanani imbere yanyu, bo n’ Abaheti n’Abahiwi n’Abaferizi n’Abagirugashi n’Abamori n’Abayebusi.


Nuko Dawidi na Abishayi bahenga mw ijoro baragenda, bashika mur’ izo ngabo, basanga Sauli yībīkiriye hagati y’aho bārāza imikogote y’intambara, icumu ryiwe rishinze haruguru y’umutwe wiwe, Abuneri n’ingabo baryamye bamukikije.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ