Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 26:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 aca ava hasi, aja ha handi Sauli yar’ ashagaje. Nuko Dawidi abona ikiryamo ca Sauli aho kiri, n’ica Abuneri mwene Neri, umugabisha w’ingabo ziwe; kand’ ikiryamo ca Sauli cari hagati y’aho bārāza imikogote y’intambara, ingabo na zo zari zimushagaje irya n’ino.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 26:5
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Abuneri ashitse i Heburoni, Yowabu amwihererana hagati y’ amarembo, nk’ūgira abonane na we ata wumva; araheza amucumita ku nda, agwaho, amuhōye amaraso ya murumuna we Asaheli.


Kandi Neri avyara Kishi, Kishi avyara Sauli, Sauli avyara Yonatani na Malikishuwa na Abinadabu na Eshibayali.


Nuko Dawidi akoroka kare, asigarana intama ūzimurābira, ahitana ivyo bintu aragenda, nk’uko Isayi yamubariye, ashikira aho barāza imikogote y’intambara, ahūra ingabo zigiye gutonda urugamba zīrahira ubutōre.


Igihe Sauli yabona Dawidi agiye kurwana na wa Mufilisitiya, yabajije Abuneri umugabisha w’ ingabo ziwe, ati Harya ga Abuneri, urya muhungu ni mwene nde? Na we aramwishura, ati Mugenzi, indahiro ni wewe nyene nkamumenya!


aca atuma inderetsi; maz’ amenye ko Sauli aje koko,


Hār’ umuntu w’Umubenyamini yitwa Kishi; yari mwene Abiyeli, Abiyeli wa Serori, Serori wa Bekorati, Bekorati wa Afiya w’ Umubenyamini; yar’ umuntu w’umutunzi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ