Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 26:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Sauli asagaza i ruhande y’inzira ku musozi Hakila, aharābana n’ubugaragwa. Kandi Dawidi yaba mu bugaragwa; maz’ abonye ko Sauli aje kumurondera mur’ ubgo bugaragwa,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 26:3
6 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mana, ni wewe Mana yanje; nzozinduka nkurondere. Umutima wanje ukugirira inyota, umubiri wanje ukwifuriza Mu gihugu cumye, kiruhijwe, kitagira amazi.


Maze Dawidi abonye ko Sauli amurondera ngw amwice, yigumira i Horeshi mu bugaragwa bg’i Zifu.


Bukeye Abanyezifu baja i Gibeya kwa Sauli, baramubarira, bati Mbeg’ aho ntuzi ko Dawidi yinyegeje i wacu, mu masenga y’i Horeshi, ku musozi Hakila, ahahera i bumanuko bg’ubugaragwa?


Nukw araza, ashika ku birāro vy’intama vyar’ i ruhande y’inzira, kandi hār’ isenga. Maze Sauli aryinjiramwo kwihagarika. Kandi Dawidi n’ingabo ziwe bari bicaye hirya mur’ iryo senga.


Bukeye Abanyezifu baja i Gibeya kwa Sauli, baramubarira, bati Mbeg’ aho ntuzi ko Dawidi yinyegeje ku musozi Hakila, aharābana n’ubugaragwa?


aca atuma inderetsi; maz’ amenye ko Sauli aje koko,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ