3 Sauli asagaza i ruhande y’inzira ku musozi Hakila, aharābana n’ubugaragwa. Kandi Dawidi yaba mu bugaragwa; maz’ abonye ko Sauli aje kumurondera mur’ ubgo bugaragwa,
Mana, ni wewe Mana yanje; nzozinduka nkurondere. Umutima wanje ukugirira inyota, umubiri wanje ukwifuriza Mu gihugu cumye, kiruhijwe, kitagira amazi.
Maze Dawidi abonye ko Sauli amurondera ngw amwice, yigumira i Horeshi mu bugaragwa bg’i Zifu.
Bukeye Abanyezifu baja i Gibeya kwa Sauli, baramubarira, bati Mbeg’ aho ntuzi ko Dawidi yinyegeje i wacu, mu masenga y’i Horeshi, ku musozi Hakila, ahahera i bumanuko bg’ubugaragwa?
Nukw araza, ashika ku birāro vy’intama vyar’ i ruhande y’inzira, kandi hār’ isenga. Maze Sauli aryinjiramwo kwihagarika. Kandi Dawidi n’ingabo ziwe bari bicaye hirya mur’ iryo senga.
Bukeye Abanyezifu baja i Gibeya kwa Sauli, baramubarira, bati Mbeg’ aho ntuzi ko Dawidi yinyegeje ku musozi Hakila, aharābana n’ubugaragwa?
aca atuma inderetsi; maz’ amenye ko Sauli aje koko,