25 Maze Sauli abarira Dawidi, at’ Uragahezagirwa, mwananje Dawidi! Uzokora ivy’ ubuhizi, kand’ uzotsinda nta kabuza. Nuko Dawidi arīgīra, Sauli na we asubira i we.
Aramubarira, ati Ntucitwa Yakobo ukundi, ariko wiswe Isirayeli; kuko waniganye n’Imana n’abantu, ukanesha.
Ni yagira imvugo nziza, ntuz’ umwemere, Kuko mu mutima wiwe harimw’ ibizira ndwi.
Nta co kurwanisha bācuriye kukurwanya kizogira ico kimara; kand’ ururimi rwose ruzoguhagurukira kukubūranya, uzorutsinda. Ivyo ni vyo mwandu w’abasavyi banje, jewe Uhoraho, kand’ ukwo ni kwo kugororoka kwabo kwanduruka kuri jewe; ni jewe Uhoraho mbivuze.
mbere yahotoranye n’umumarayika, aramunesha; ararira, aramwinginga; i Beteli ni ho yayīboneye, kand’ aho ni ho yavuganiye na we,
Ni nde azodutandukanya n’urukundo rwa Kristo? Mbega n’amarushwa, canke n’ivyago, canke n’uguhamwa, canke n’inzara, canke n’ukwambara ubusa, canke n’ukuba mw irinde, canke n’inkota?
Ariko mur’ ivyo vyose turushishwaho kunesha n’uwadukunze.
Mbeg’ umuntu yobona umwansi wiwe, agaheza agapfa kumureka akīgīra? Uragahabga ingororano nziza n’Uhoraho, ku vy’ unkoreye uyu musi.
Kandi rero ndazi k’utazobura kuba umwami, kandi kw ari wewe uzotuma ingoma y’Abisirayeli ihangama.
Nuko Dawidi aramurahira. Sauli araheza yisubirira i we, Dawidi n’ingabo ziwe baradūga baja mw isenga.