Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 26:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Uhoraho azokwishura umuntu wese ukugororoka kwiwe n’ukuyoboka kwiwe; ereg’ uyu musi Uhoraho yari yakumpaye, ndaheza nanka kubangura ukuboko ku wimikishijwe amavuta n’Uhoraho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 26:23
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho yangereye ibikwiranye n’ukugororoka kwanje, Nk’ukw amaboko yanje atanduye, ni ko yangiriye.


Ni co catumye Uhoraho anyishura ibikwiranye n’ukugororoka kwanje, Ibikwiranye n’ukutandura kwanje mu nyonga ziwe.


nuk’ uz’ uvyumve uri mw ijuru, ugire ico ukora, ucire abantu bawe imanza, utsindishe uwakoze nabi, bimusubire ku mutwe, ucire umugororotsi urubanza, atsinde nk’ uk’ ukuri kwiwe kumeze.


Ndaheza ndasenga, nti Mana yanje, ibi uz’ ubinzirikaneko, ntuz’ uhanagure ibikorwa vy’ urukundo nakoreye ingoro yawe, Mana yanje, n’ivyo nakoze vyo gufasha ibihakorerwa.


Kuk’ umuntu izomusubiriza mu nkōko ibihwanye n’ igikorwa ciwe, Izotuma umuntu wese abona ibihwanye n’ingeso ziwe.


Kandi ni wewe Mwami, ufise imbabazi: Kuko wishura umuntu wese ibikwiranye n’ico yakoze.


Kandi ga muvyeyi, ehe rāba nguyu umutwe w’impuzu yawe mu ntoke zanje! Ko nacacuye umutwe w’impuzu yawe sinkwice, none rero n’umenye kand’ ushirwe kw ata kibi cank’ ubugarariji ngufiseko; kandi sinagucumuyeko, nah’ umpīga ng’ unyice.


Uhoraho n’aducire urubanza twe nawe, Uhoraho n’abe ari we azokumpōra; arik’ ukuboko kwanje ntikuzogukorako.


Kand’ uyu musi werekanye k’ungiriye neza, kuk’ Uhoraho yari yangabuye mu maboko yawe, ntunyice.


Mbeg’ umuntu yobona umwansi wiwe, agaheza agapfa kumureka akīgīra? Uragahabga ingororano nziza n’Uhoraho, ku vy’ unkoreye uyu musi.


Uhoraho arakabishira kure yanje, ko nobangurira ukuboko uwo Uhoraho yimikishije amavuta; ariko ni wābīre iryo cumu riri ku mutwe wiwe, n’uwo mukuza w’amazi, uze tugende.


Dawidi aramwishura, ati Ngiri icumu ryawe, mwami! Umwe wo mu basore n’aze aryābīre.


Ariko Dawidi yishura Abishayi, ati Ntumwice: har’ uwoshobora kubangurira ukuboko uwo Uhoraho yimikishije amavuta, ntābizire?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ