22 Dawidi aramwishura, ati Ngiri icumu ryawe, mwami! Umwe wo mu basore n’aze aryābīre.
Sauli aramwishura, ati Nakoze icaha; garuka mwananje Dawidi; sinzosubira kukugirira nabi, kukw amagara yanje yabaye agakomeye kuri wewe uyu musi; erega narabaye ikijuju, nakoze nabi cane.
Uhoraho azokwishura umuntu wese ukugororoka kwiwe n’ukuyoboka kwiwe; ereg’ uyu musi Uhoraho yari yakumpaye, ndaheza nanka kubangura ukuboko ku wimikishijwe amavuta n’Uhoraho.