Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 26:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Sauli aramwishura, ati Nakoze icaha; garuka mwananje Dawidi; sinzosubira kukugirira nabi, kukw amagara yanje yabaye agakomeye kuri wewe uyu musi; erega narabaye ikijuju, nakoze nabi cane.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 26:21
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umwami arongera atuma uwundi mugabisha w’ingabo mirongwitanu nyene, ari kumwe n’izo ngabo ziwe. Uwo mugabisha wa gatatu aradūga; ashitse apfukama imbere ya Eliya, aramwinginga, ati Yewe muntu w’Imana, ndakwinginze, amagara yanje bo n’ay’ aba basavyi bawe ukw ari mirongwitanu n’agutere imbabazi.


Rāba umuriro uvuye mw ijuru uhejeje kuyigiza ba bagabisha ba mbere bompi bo n’ingabo zabo ukw ari mirongwitanu‐itanu; ariko noneh’ amagara yanje n’agutere imbabazi.


Urupfu rw’abakunzi biwe N’urw’ igiciro mu nyonga z’Uhoraho.


Kukw incungu y’ubugingo bgabo ar’ iy’ igiciro, N’iyo kurekwa ibihe bidashira.


Azobacungura, abakize agahahazo n’umuryano; Kand’ amaraso yabo azoba ay’ igiciro mu nyonga ziwe.


Farawo atuma guhamagaza Mose na Aroni, arababgira, at’ Ubu ho nkoze icaha: Uhoraho aratsinze, twe n’abantu banje turatsinzwe.


Balamu yishura uwo mumarayika w’Uhoraho, ati Nkoze icaha, kuko ntamenye kw ari wewe uhagaze mu nzira ng’ untāngīre; none rero, asangwa bikubabaje, reka nsubire inyuma.


ati Nācumuye, naguze amaraso y’ūtagira icaha. Na bo baramwishura, bati Bidutwaye iki? N’ivyawe.


Maze Samweli abgira Sauli, ati Wakoze ic’ ubupfu; iyo wumvira icagezwe Uhoraho Imana yawe yakugeze, Uhoraho na we yokomeje ubgami bgawe ibihe vyose mu Bisirayeli.


Maze Sauli yishura Samweli, ati Naracumuye, kuko ntumviye icagezwe c’Uhoraho n’amajambo yawe, ngatinya abantu nkabumvira.


Na we aramwishura, ati Naracumuye; yamara none ndakwinginze, untere itēka imbere y’abakuru bo mu bantu banje n’imbere y’Abisirayeli, dusubiraneyo kugira ngo nsenge Uhoraho Imana yawe.


Bukeye abaganwa b’Abafilisitiya baza gutera; kand’ uko bātera kwose, Dawidi yagira ibakwe kurusha abandi bantu bose ba Sauli, bituma izina ryiwe riba rurangiranwa.


Abarira Dawidi, at’ Undushije kugororoka, kuk’ ungiriye neza, nanje jeho nakugiriye nabi.


Dawidi aramwishura, ati Ngiri icumu ryawe, mwami! Umwe wo mu basore n’aze aryābīre.


Kandi nk’ukw amagara yawe yabaye agakomeye kuri jewe uyu musi, az’ abe ari kw ayanje aba agakomeye k’Uhoraho, ankize amagorwa yose.


Maze babariye Sauli ko Dawidi yahungiye i Gati, ntiyasubira kumurondera ukundi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ