20 None rero ntiwemere kw amaraso yanje azosēswa kure y’ah’ Uhoraho aba; erega mwami w’ Abisirayeli, wazanywe no guhīga imbaragasa, nk’ūhīga inkware mu misozi.
Ehe nzotuma ku barovyi benshi, ni jewe Uhoraho mbivuze, bazobaroba; hanyuma nzotuma ku bahīgi benshi, na bo bazobahiga ku gisozi cose no ku karambi kose no mu vyobo vyo mu bitandara.
Abanyankira ubusa bampīze cane nk’inyoni,
Akivuga, Yuda, umwe muri bamwe cumi na babiri, araza, azananye n’igitero cinshi, kizanye inkota n’amahiri, kivuye ku baherezi bakuru n’abashingantahe b’ubgo bgoko.
Uwo mwanya Yesu abaza ico gitero, ati Mbega munziye kumfata nk’umwambuzi, muzanye inkota n’amahiri? Ko nicara mu rusengero nigisha imisi yose ntimumfate?
Azozigama ibirenge vy’abagororotsi biwe, Arikw abanyavyaha bazohonera mu muzimagiza, Kukw inkomezi z’umuntu atari zo zimuha kunesha.
Kandi ga muvyeyi, ehe rāba nguyu umutwe w’impuzu yawe mu ntoke zanje! Ko nacacuye umutwe w’impuzu yawe sinkwice, none rero n’umenye kand’ ushirwe kw ata kibi cank’ ubugarariji ngufiseko; kandi sinagucumuyeko, nah’ umpīga ng’ unyice.
None ga mwami w’Abisirayeli, uteye iki? Uhīga iki? Ereg’ uteye imbga ipfuye, uhīga imbaragasa!
None rer’ Uhoraho n’abe umucamanza, aducīre urubanza twe nawe, n’avyitegereze, ambūrane, ankūre mu maboko yawe.
Kandi nah’ abantu bagukūriye hasi ngo baguhīge, bakwice, ubugingo bgawe buzokwama butēkeye mu mutēkero w’abariho ufiswe n’ Uhoraho Imana yawe, mugenzi: kand’ ubugingo bg’abansi bawe azobushibura nk’ibuye ritewe n’ umugozi.