2 Nuko Sauli arahaguruka, amanuka mu bugaragwa bg’i Zifu, ari kumwe n’ingabo ibihumbi bitatu zitoranijwe mu Bisirayeli, agiye kurondera Dawidi mur’ ubgo bugaragwa bg’i Zifu.
Kand’ abahama ubugingo bganje bantega imitego; Abandonderera ivyago bavuga ivyo kunyigamba, Biyumvira ivy’ ubugunge umusi ukīra.
Sauli yitoraniriza abantu mu Bisirayeli ibihumbi bitatu; muri bo, ibihumbi bibiri bāba kuri we i Mikimashi no ku musozi w’i Beteli; abandi igihumbi bāba kuri Yonatani i Gibeya h’i Bubenyamini; abasigaye arabacūra, umuntu wese yītāhira i we.
Abarira Dawidi, at’ Undushije kugororoka, kuk’ ungiriye neza, nanje jeho nakugiriye nabi.
Nuko Sauli ahitana ingabo ibihumbi bitatu zitoranijwe mu Bisirayeli bose, baja kurondera Dawidi n’ingabo ziwe mu bitandara ah’ impene z’inyeshamba ziba.
Nukw araza, ashika ku birāro vy’intama vyar’ i ruhande y’inzira, kandi hār’ isenga. Maze Sauli aryinjiramwo kwihagarika. Kandi Dawidi n’ingabo ziwe bari bicaye hirya mur’ iryo senga.