Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 26:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 None rero ndakwinginze, mugenzi, zirikana amajambo yanje jewe umusavyi wawe, mwami; asangw’ ar’ Uhoraho yakungomoreye, ni yemere ndamuhe ikimazi; na ho ni baba ar’ abantu, barakavumwa imbere y’Uhoraho, kuk’ ubu banciye, ngo singire umugabane mw ishamvu y’Uhoraho, bakavuga ngo ni ngende gusaba izindi mana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 26:19
32 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Yuda aramwegera, aramubarira, ati Mugenzi, zirikana, ndagusabe ijambo mvuga, ntumpambarire, jewe umusavyi wawe: kuk’ umeze nka Farawo.


Uhoraho amoterwa n’umubabge mwiza wavyo, maz’ Uhoraho yiyumvira mu mutima wiwe, ati Sinzokwongera kuvuma isi ukundi kubg’ abantu, kukw imitima y’abantu yamogoreye gukora ibibi uhereye mu bgana bgabo: kandi sinzokwongera kwica ukundi ibifise ubugingo vyose, nk’uko nakoze.


nt’ Umwami aranyumvira, ankize jewe incoreke yiwe, ankūre mu maboko ya wa muntu agomba kundandurana n’umwana wanje, adukūre mw ishamvu y’Imana.


Umwami aramwishura, ati Dusangiye iki ga yemwe bana ba Seruwiya? Ni yaba antutse Uhoraho ari we yamubariye, ati Tuka Dawidi; har’ uwoshobora kumubuza, at’ Ivyo ubitewe n’iki?


Mbere Dawidi abarira Abishayi n’abantu biwe bose, ati K’umwana wanje nīkūriye mu nda arondera agatwe kanje, mbeg’ urya Mubenyamini we ntarushiriza? Nuko mureke antuke, kuk’ Uhoraho ari we yabimubariye.


Jewe nd’umwe mu bakunda ivy’ amahoro kandi b’abizigirwa mu Bisirayeli; ariko wewe urondera kugeseza igisagara, ari co muvyeyi mu Bisirayeli. N’iki gituma ugomba kuyongobeza ishamvu y’Uhoraho?


Nuko Dawidi abaza ab’i Gibeyoni, ati Nobakorera iki? Notanga impongano ki, kugira ngo mubone gusabira ishamvu y’Uhoraho umugisha?


Maz’ uburake bg’Uhoraho bgongera kuziriringira Abisirayeli; asunika Dawidi ngw abakwegere, ati Genda uharūre Abisirayeli n’Abayuda.


Uhoraho arayibaza, at’ Uja kumwosha ute? Na yo iti Ndagenda nihindure impwemu y’ibinyoma mu kanwa ka ba kamenyi biwe bose. Na we arayishura, ati Nuko, uramwosha, kand’ uzobishobora; genda ugire urtyo.


Bukeye Satani ahagurukira Abisirayeli, asunika Dawidi ngw abaharūre.


Ewe jewe ndagowe, kuko mba i Mesheki nd’ inyambukīra, Nkaba mu mahema y’i Kedari!


Iguhe ico umutima wawe wifuza, Ishitse inama zawe zose.


Ntukarementanirize umushumba kuri shebuja, Kugira ngo ntagende arakuvuma, maz’ ukaba wiyambitse ibara.


Ni ho uzorāba, mu maso hawe hakeyuka, umutima wawe ukadidagizwa n’umunezero, ukāguka; kukw ibidandazwa vy’ibitayega bica mu kiyaga bizogaruka i wawe, n’ubutunzi bg’ amahanga buzokuzako.


Nzohindura ibisagara vyanyu imisaka, ahēra hanyu ntume hatamārirwa, kandi sinzomoterwa n’ugutamirana kw’ibimoga vyanyu munyosereza.


Ntihaze hagire ishamvu iva mu muryango ngw ije mu wundi; arik’ umuntu wese wo mu Bisirayeli aze yame yīzīziye ishamvu yo mu muryango wa ba sekuruza.


Ntihaze hagire ishamvu iva mu muryango ngw ije mu wundi; kukw imiryango yose y’Abisirayeli izoba ikwiye kwīzīzira amashamvu yayo ubgayo.


Iyo mwene So ababajwe n’ivy’ urya, ntuba ukigendera mu rukundo. Uwo Kristo yapfiriye ntumuranduze ivyo kurya vyawe.


ntimuze mwemere amagambo y’uwo muvugishwa canke y’uwo murōsi, kuk’ Uhoraho Imana yanyu azoba abagerageza, ngw amenye yuko mumukundisha imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose.


Alekisandero umucuzi yangiriye inabi nyinshi. Umwami wacu azomwishura ibikwiranye n’ivyo yakoze.


Bukeye impwemu mbi irungitswe n’Imana iza kuri Sauli akābushūngwe, ashirakw ariyamiriza ari mu ngoro, Dawidi akavuza inanga nk’uko yar’ asanzwe akora imisi yose; kandi Sauli yar’ afise icumu mu ntoke.


Nuko Dawidi aramubaza, ati N’iki gituma uja ku vyo abantu bakubarira, ngo Dawidi agomba kukugirira nabi?


yitembagaza imbere y’ ibirenge vyiwe, aramubarira, ati Mwami wanje, ico caha abe ari jewe kijako; ndakwinginze, jewe umuja wawe zirikana ico nkubarira, utegēre amajambo yanje.


Maze Dawidi yiyumvira mu mutima, at’ Umusi munaka, Sauli azoteba anyice; nta cosumba ko nohungira mu gihugu c’ Abafilisitiya, Sauli akampebūra, ntasubire kundondera mu gihugu cose c’Abisirayeli; uko ni ko noba ndamukize.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ