1 Samweli 26:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)15 Dawidi abarira Abuneri, ati Mbega ntur’ umuntu w’umugabo? Har’ ūhwanye nawe mu Bisirayeli? None se k’utāteramiye umwami shobuja? Hari haje umuntu aho muri, aje kwica umwami, kand’ ari we shobuja. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Nuko Daniyeli, ari we Beluteshaza, amara akanya yumiwe, ivyiyumviro vyiwe bimuhagaritse umutima. Umwami yongera kumubgira, ati Yewe Beluteshaza, izo nzozi n’uko zisobanurwa nta co biguhagarika umutima. Beluteshaza aramwishura, at’ Izo nzozi zirakaba ku bansi bawe, mwami wanje, n’uko zisobanurwa kurakaba ku barwanizi bawe.