Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 26:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Arongera aravuga, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, Uhoraho ubgiwe ni we azomwiyicira; cank’ umusi wiwe wo gupfa uzoshika; cank’ azomanuka aje mu ntambara, ayigwemwo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 26:10
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nukw igihe co gupfa kwa Isirayeli kiri hafi, ahamagaza umwana wiwe Yosefu, aramubarira, ati Ni waba uzongirira neza, ndakwinginze, n’ushire ukuboko kwawe musi y’ikibero canje, wemere kunyobokera, no kumbera umwizigirwa. Ndakwinginze, ntuz’ umpambe muri Egiputa:


Umuntu ni yapfa, mbeg’ azosubira kubaho? Nokwihanganiye imisi y’intambara yanje yose, Nkarorēra igihe canje co kurekurwa.


Imisi yiwe ko yashinzwe, igitigiri c’amezi yiwe kikaba gifiswe nawe, Ukaba waramushingiye akarimbi adashobora kurēngāna;


Mbeg’ umuntu akiri mw isi ntaba ari mu ntambara? N’imisi yiwe si nk’iy’ umucangero?


Kuko hasigaye igihe gito, umunyakibi ntabeho; Mbere, uzokwitegereza ahiwe, umubure.


Umwami Imana azomutwenga, Kukw abona yuk’ umusi wiwe urik’ urashika.


Kand’ izobagarukanak’ ukugabitanya kwabo, Izobarandura kubg’ icaha cabo, Uhoraho Imana yacu azobarandura.


har’ igihe co kuvuka n’igihe co gupfa; igihe co gutera n’igihe co kurandura ivyatewe;


None mbeg’ Imana ntizocira abo yatoranije urubanza rubakiza, bayiborogera ku murango no mw ijoro, nah’ ibatevya?


Abo nkunda, ntimwīhōrane, ariko muhe uburyo uburake bg’Imana: kuko handitswe, ng’ Uguhōra n’ukwanje, ni jewe nzobasubiriza mu nkōko, ni k’Uhoraho agize.


Uhoraho abarira Mose, ati Rāba, igihe cawe co gupfa kiri hafi: enda hamagara Yosuwa, murenguke mw ihema ry’ibonaniro, kugira ngo ndamushikirize igikorwa. Nuko Mose na Yosuwa baragenda, bararenguka mw ihema ry’ibonaniro.


Uguhōra n’ukwanje, nzobasubiriza mu nkōko Igihe ibirenge vyabo bizonyerera. Kuk’ umusi w’ivyago vyabo uri hafi, Kand’ ibigira bibazeko bizotebuka.


Kuko tuzi uwavuze, at’ Uguhōra n’ukwanje, ni jewe nzobasubiriza mu nkōko. Kand’ at’ Uhoraho azocira urubanza abantu biwe.


Kandi nk’ukw abantu bābīkiwe gupfa rimwe, hanyuma yaho hakaza amateka,


ni co gituma ivyago vyiwe vyose bizoza ku musi umwe, urupfu n’amaborogo n’amapfa, kand’ azotongozwa umuriro: kuk’ Umwami Imana amuciriyekw iteka ar’ uw’ ubushobozi.


Uhoraho n’aducire urubanza twe nawe, Uhoraho n’abe ari we azokumpōra; arik’ ukuboko kwanje ntikuzogukorako.


None rer’ Uhoraho n’abe umucamanza, aducīre urubanza twe nawe, n’avyitegereze, ambūrane, ankūre mu maboko yawe.


None rero mugenzi, nk’uk’ Uhoraho yamaho, nawe ukaba uriho, Uhoraho ni we agutesheje ngo ntuvishe amaraso, ntiwīhōre ubgawe; abansi bawe, n’abarondera kukugirira nabi, barakamera nka Nabali, mugenzi!


Hahise imisi nk’ icumi, Uhoraho akubita Nabali, arapfa.


Bukeye Dawidi yumvise ko Nabali yapfuye, aravuga, at’ Uhoraho ashemagizwe, yambūranye, akankūrakw ibitētērwa Nabali yari yanteye, agatako jewe umusavyi wiwe akambuza gukora icaha; kand’ inabi ya Nabali Uhoraho akayimusubiza ku mutwe. Hanyuma Dawidi atuma kuri Abigayili kumuresha ngw amucūre.


Maze Sauli abarira ūmutwaje ibirwanishwa, ati Sokōra inkota, uyinsogote, zirya ntakebga zoye kunshikīra ngo zinsogote, zinshinyagurire. Arik’ ūmutwaje ibirwanishwa aranka, kuko yari yagize ubgoba bginshi. Sauli ni kwo gufata iyiwe nkota, ayīsukako.


Uko ni ko Sauli yapfuye, n’abahungu biwe batatu, n’uwamutwaza ibirwanishwa, bo n’ingabo ziwe zose, bapfa kur’ uwo musi nyene.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ