Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 25:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Muti Baza imikangara yawe barabikubarira; muti Ngo Kandi natwe abantu biwe utugirire ubuntu, kuko tuje ku musi mwiza; muti Non’ aragusavye, ngw ico uzoba ufise cose, abe ari co uduha, twebge abasavyi bawe, n’umwana wawe Dawidi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 25:8
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni co gituma uwo musi w’icumi na kane w’ukwezi kwitwa Adari, Abayuda bo mu misozi, baba mu bisagara bitagira inzitiro, bawugira umusi wo kunezerwa no gutumiranako, n’ umusi mwiza wo kugemuranirako.


kuba icibutso c’imisi Abayuda bāruhukiyekw abansi babo, n’ukwezi kwabahindukiye ukw’ umunezero mu gishingo c’umubabaro, bakaronka umusi mwiza mu gishingo c’uwo kugandarako; kand’ ababarira ko bayigira imisi yo gutumiranako no kunezerwa, n’iyo kugemuriranirako no kugabira aboro.


Uhe umugabane abantu ndwi, mbere na munani; kuk’ utazi icago cotera mw isi.


Ariko mutange ibir’ imbere mu gikombe no mu nkōko mubitangishijwe n’ubuntu, kand’ umve, vyose bizobabera ibiziruwe.


Kandi ga muvyeyi, ehe rāba nguyu umutwe w’impuzu yawe mu ntoke zanje! Ko nacacuye umutwe w’impuzu yawe sinkwice, none rero n’umenye kand’ ushirwe kw ata kibi cank’ ubugarariji ngufiseko; kandi sinagucumuyeko, nah’ umpīga ng’ unyice.


Abo bahungu bo kwa Dawidi bashitse, babarira Nabali ivyo Dawidi yabatumye vyose, baraheza bītega ico abishura.


Uhoraho yongera guhamagara, ati Samweli! Nuko Samweli aravyuka, aja iyo Eli ari, ati Ndaje nditavye. Na we at’ Eka singuhamagaye, mwananje: subira kuryama.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ