Arabishura, ati Ni musubize imitima mu nda, mureke gutinya: Imana yanyu, Imana ya so, ivyo n’ivyo yabihēreye mu magunira yanyu: jeho amahera yanyu narayahawe. Asohora Simeyoni, aramubazanira.
Maze Mpwemu aca aza kuri Amasayi, umukuru wa ba bandi mirongwitatu, aravuga, ati Tur’ abawe, Dawidi; turi ku ruhande rwawe, wewe mwene Isayi! Amahoro, amahoro abe kuri wewe, abe no ku bagutabara, kukw Imana yawe ari yo igutabara. Nuko Dawidi arabākīra, abagira abagabisha bo kugaba ibitero.