4 Maze Dawidi ari mu bugaragwa yumva ko Nabali arikw arakemuza intama ziwe.
Babarira Tamari, bati Sobukwe aradūze, agiye i Timuna gukemuza intama ziwe.
Hashize imyaka ibiri yiramvuriye, Abusalomu arārika abamukemurira intama i Bayali‐hasori, hāri hahereranye n’i Bgefurayimu; maz’ atumira abana b’umwami bose.
Uwo muntu yitwa Nabali, umugore wiwe yitwa Abigayili; uwo mugore yar’ umunyabgenge, kandi yar’ umunyakaranga, arik’ umugabo wiwe yar’ umuntu w’ikigoryi kandi w’imico mibi; yar’ uwo mu muryango wa Kalebu.
Nuko Dawidi atuma abahungu b’imisore cumi, ati Ni mudūge muje i Karumeli, muje kwa Nabali, mumundamukirize;