Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 25:36 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

36 Nuko Abigayili asubirayo, asanga Nabali yarondeje amazimano mu nzu yiwe, nk’amazimano y’umwami, asigaye adayangwa kuko yaborewe cane; ni co catumye atagira ico amubarira, ari gito ari kinini, gushitsa bukeye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 25:36
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Vino ni yo mucokoranyi, ibiboreza ni vyo ruyogoyogo, Kand’ ūbidandabagiranamwo wese ntagira ubgenge.


Nuko Abusalomu arahava abarira abasuku biwe, ati Muje muritegereza Amunoni: ni mwabona amaze guhimba vino, nkababarira, nti Ni muzibagure Amunoni; nuko muce mumwica, ntimutinye: none si jewe nzoba ndabibabariye? Nuko mugumye imitima, mube abahizi.


Hashize imyaka ibiri yiramvuriye, Abusalomu arārika abamukemurira intama i Bayali‐hasori, hāri hahereranye n’i Bgefurayimu; maz’ atumira abana b’umwami bose.


Abarira abantu biwe, ati Ni munyītangire imbere, mugende, nanje ndaje ndabakurikiye. Ariko ntiyabibgira Nabali umugabo wiwe.


Tugendane ingeso nziza, nk’abagenda ku murango, tutadandahirwa, tutaborerwa, tudasambana, tudakora ivy’ isoni nke, tudatongana, tutagira ishari.


Rāba mbatumye muri nk’intama mu mabingira hagati. Nuko mugire ubgenge nk’inzoka, mumere nk’inuma ata karohe.


Kandi ntimukaborerwe vino, irimw’ ubuhumbu; ariko mwuzure Mpwemu.


Ni co gituma bivugwa, ngw Ikangure, wewe usinziriye, uzuke uve mu bapfuye, Kristo arakumurikira.


Ariko mwirinde, kugira ngw imitima yanyu ntīremērwe no kudandahirwa no kuborerwa n’umwitwaririko w’ivy’ ubu bugingo, ng’uwo musi ntubazeko giturumbuka, nk’umutego:


Kand’ abgira uwamutumiye, ati Ni wagira amazimano ku murango canke mw ijoro, ntuz’ utumire abagenzi bawe cank’ abo muvukana cank’ incuti zawe cank’ ababanyi bawe b’abatunzi; kuko kumbure na bo bogutumira, bakakwishura.


Kuko naho bomera nk’amahwa azitanye, canke bagahindurwa iveve n’inyobga, bazotōngōrwa rwose nk’ibirararara vyumye.


Ubusambanyi na vino n’umubira wayo bimara ubgenge.


Kandi nzoboreza abaganwa baho n’abanyabgenge baho, bo n’abagabisha baho, n’abahaganza n’abahizi baho; bazosinzira itiro ry’intashira, ntibikangure ukundi, ni jewe Umwami mbivuze, izina ryanje nd’ Uhoraho Nyen’ ingabo.


Igitsibo c’ubgibone bg’ababorewe b’Abefurayimu kizosiribangwa,


Bazobona ibara, abazindurwa mu gatondo no kwirukira ibiboreza, bakarāra kw ijoro gushitsa vino ibaboreje!


Amazimano azimanirwa gutera akanyamuneza, kandi vino inezereza umushaha: arikw amahera ni bimari vya vyose.


Hahirwa ūgira neza, akagurāna abandi, Agakora ibikorwa vyiwe uburyo butunganye.


Mu gihe c’amashōka barasokoroka bava mu gisagara ngo barwane. Kand’ ico gihe Beni‐hadadi yarikw aranywa, amaze kuborerwa, bo na ba bami bari batabaye, ukw ari mirongwitatu na babiri, bari mu nsago.


Nuko bukeye, vino imuvuyeko, umugore wiwe amwīgānira ivyo; umutima wa Nabali uca udegera, acika nk’igiti.


Nukw ashitse i Heburoni kwa Dawidi, ari kumwe n’abantu mirongwibiri, Dawidi amurondereza amazimano bo n’abari kumwe na we.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ