Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 25:34 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho Imana y’ Abisirayeli, yambujije kukugirira nabi, nta kabuza bgari guca hadasigaye izinamuhungu n’umwe mu bo kwa Nabali, iy’ utanyaruka kunsanganira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 25:34
8 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Imana imwishurira mu nzozi, iti Koko, nzi yuko wakoze ivyo ufise umutima utakurega ikibi, kandi nanje nakubujije kuncumurako: ni co catumye ntagukundiye kumukorako.


Maz’ ab’i Gibeyoni batuma kuri Yosuwa ah’ ari mu nsago i Gilugali, uti Ntuhebe abasavyi bawe, uti Dūga n’ingoga ubatabare, ubavune, uti Kukw abami bose b’Abamori bo mu mugamba bakoraniye hamwe ngo babatere.


Nuko Yosuwa abahungira ata co bīnona, kuko yarāye araza ijoro ryose, avuye i Gilugali.


Bukeye Sauli agabanya abantu mw imice itatu, basēseka hagati mu nsago z’Abamoni mu gahuru, baririka Abamoni gushitsa ku musase munini; maz’ abācitse kw icumu aho bashwiragiriye nta na babiri wobonye bari hamwe.


Maze Abigayili arakwakwanya, akora imitsima amajana abiri, n’imikuza ibiri ya vino, n’inyama zihiye z’amapfizi atanu y’intama, n’ingero zitanu z’ingano zikaranze, n’imisoko ijana y’inzabibu zumye, n’uturobe amajana abiri tubumbabumbge mu nsukoni, abiremēka indogoba.


Ni bgāca hakir’ izinamuhungu n’umwe nja gusiga mu bantu biwe, Imana ibimpanire, jewe Dawidi, mbere birushirije!


None rero mugenzi, nk’uk’ Uhoraho yamaho, nawe ukaba uriho, Uhoraho ni we agutesheje ngo ntuvishe amaraso, ntiwīhōre ubgawe; abansi bawe, n’abarondera kukugirira nabi, barakamera nka Nabali, mugenzi!


Bukeye Dawidi yumvise ko Nabali yapfuye, aravuga, at’ Uhoraho ashemagizwe, yambūranye, akankūrakw ibitētērwa Nabali yari yanteye, agatako jewe umusavyi wiwe akambuza gukora icaha; kand’ inabi ya Nabali Uhoraho akayimusubiza ku mutwe. Hanyuma Dawidi atuma kuri Abigayili kumuresha ngw amucūre.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ