32 Maze Dawidi yishura Abigayili, at’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli ashemagizwe, yakurungitse uyu musi kunsanganira;
aravuga, at’ Uhoraho ashemagizwe, Imana ya databuja Aburahamu, itāretse kugirira imbabazi databuja, no kumubera umwizigirwa! nanje nyene, Uhoraho yandōngōye inzira ija kwa bene wabo wa databuja.
mbere yavuze, at’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli ahimbazwe, ampaye uwo kuvyagira ku ntebe yanje nkibona.
Maz’ aravuga, at’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli ahimbazwe, yashikije n’ukuboko kwiwe ivyo yavuze n’akanwa kiwe, abarira data Dawidi,
Uhoraho Imana ya ba sogokuruza aragahezagirwa, yashize mu mutima w’umwami imigabo imeze irtyo, yo gushariza ingoro y’Uhoraho ir’ i Yerusalemu.
Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, n’ashemagizwe Nk’uko vyamye uhereye kera hose, ugashitsa ibihe bidashira. Kand’ abantu bose ni bavuge, bati Amen. Haleluya!
Jeho navuganye ukwihebura, nti Ndarandutse, nkūwe mu nyonga zawe: Ariko weho wumvise ijwi ry’ ukwinginga kwanje hamwe nagutakambira.
Uhoraho Imana, ni yo Mana y’Abisirayeli, ihimbazwe; Ni yo yonyene ikora ibitangaza:
Yetiro aravuga, at’ Uhoraho ashemagizwe, yabarokoye, akabakūra mu maboko y’Abanyegiputa no mu maboko ya Farawo, agakiza abantu biwe ububasha bg’Abanyegiputa.
at’ Umwami ashimwe, Imana y’Abisirayeli, Kukw igendeye abantu bayo, ikabacungura;
Arikw Imana ishimwe, ishize mu mutima wa Tito kubagirira umwete nk’uwo mbagirira.
Abo bavyumvise, baca barashirwa; bashima Imana, ntibāba baciyumvira kuja kubatera, ngo barandure igihugu c’Abareyubeni n’Abagadi.