Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 25:31 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

31 ntuzohava wicuza canke ngo wītek’ umwikomo ko wavishije amaraso ata nyanduruko, canke ko wīhōye ubgawe, mugenzi; maze mugenzi, Uhoraho ni yamara kukugirira neza, uz’ uheze unyibuke, jewe umuja wawe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 25:31
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ uz’ unyibuke, ni wamara kumererwa neza, uz’ untabare, ndakwinginze, umvugire kuri Farawo, unkūze mur’ iyi nzu.


Ni yo Mana impōra, Ikangandūrira amahanga nkayaganza.


Uhoraho, Mana Nyen’ uguhōra, Mana Nyen’ uguhōra, kayangana.


Kand’ aravuga, at’ Urahava uz’ unyibuke Yesu, ah’ uzozira mu bgami bgawe.


Abo nkunda, ntimwīhōrane, ariko muhe uburyo uburake bg’Imana: kuko handitswe, ng’ Uguhōra n’ukwanje, ni jewe nzobasubiriza mu nkōko, ni k’Uhoraho agize.


Ni ciza kutarya inyama, canke kutanywa vino, canke kudakora ikindi cose gitsitaza mwene So, canke kimugwisha, canke kimutera intege nke.


Kuk’ ukwirata kwacu ar’ uku, kand’ ijwi ryo mu mitima yacu rirabishingira intahe: ingeso twagirira mw isi, kandi cane‐cane muri mwebge, zar’ ukwera, n’imitima itagira ubugunge iva ku Mana, atari mu bgenge bg’abantu, ariko mu buntu bg’Imana.


None rer’ Uhoraho n’abe umucamanza, aducīre urubanza twe nawe, n’avyitegereze, ambūrane, ankūre mu maboko yawe.


Nuko mugenzi, Uhoraho ni yamara kugushitsakw ivyiza vyose yakuvuzeko, akaguhindura segaba w’Abisirayeli,


hahezagirwe n’ubgenge bgawe, nawe ubgawe uragahezagirwa, untesheje uyu musi ngo simvishe amaraso, sinīhōre ubganje.


Abantu ba Dawidi bashitse i Karumeli kwa Abigayili, baramubarira, bati Dawidi akudutumyeko ngw agucūre ube umugore wiwe.


Uhoraho azokwishura umuntu wese ukugororoka kwiwe n’ukuyoboka kwiwe; ereg’ uyu musi Uhoraho yari yakumpaye, ndaheza nanka kubangura ukuboko ku wimikishijwe amavuta n’Uhoraho.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ