Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 25:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Uwo muntu yitwa Nabali, umugore wiwe yitwa Abigayili; uwo mugore yar’ umunyabgenge, kandi yar’ umunyakaranga, arik’ umugabo wiwe yar’ umuntu w’ikigoryi kandi w’imico mibi; yar’ uwo mu muryango wa Kalebu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 25:3
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ari hafi gushika muri Egiputa, abarira Sarayi umugore wiwe, at’ Umve ndazi k’ur’ umugore w’igikundiro:


Kuk’ umunyakibi yishimagiriza ivyo umutima wiwe wifuza, Kand’ umunyegono yikunkumura Uhoraho, kand’ akamukēngēra.


Umugore wese w’ubgenge yubaka urugo rwiwe, Arik’ uw’ igipfu arusambuza amaboko yiwe ubgiwe.


Urugo bo n’itunga umuntu abiragwa n’abavyeyi, Arik’ umugore aciye ubgenge amuhabga n’Uhoraho.


Ni vyo ibi: umushumba iy’ abaye umwami, N’igipfu iyo gihimvye ivyo kurya,


Umugore aroranye ni nde yomuronka? Kukw ar’ uw’ igiciro kurusha utubuyenge twitwa marijani.


Iy’ ateranuye akanwa avuga ivy’ ubgenge, Icagezwe c’ineza kiri ku rurimi rwiwe.


Nuko Kalebu mwene Yefune Yosuwa amuha ishamvu mu muryango wa Yuda, nk’uk’ Uhoraho yamubariye; amuha Igisagara ca Araba, ari ho Heburoni; (Araba uwo ni we se wa Anaki).


None rer’ ubimenye, wiyumvire ico wokora, kuko hagiye kuba ivyago kuri databuja no ku rugo rwiwe rwose, kand’ ar’ umuntu w’umugesera, ata woshobora kugira ico amubgira.


Ndakwinginze, mwami wanje, woye kwiyumvira kur’ uwo muntu w’umugesera Nabali. Izina ni ryo muntu: Nabali ni ko yitwa, kand’ ubujuju ni ko kameremere kiwe. Ariko jewe umuja wawe sinigeze mbona imikangara yawe watumye, mwami wanje.


Maze Dawidi ari mu bugaragwa yumva ko Nabali arikw arakemuza intama ziwe.


Twari twateye i bumanuko mu Bakeriti, dutera n’i Buyuda, n’i bumanuko mu bga Kalebu, duturira n’i Sikulagi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ