Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 25:29 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

29 Kandi nah’ abantu bagukūriye hasi ngo baguhīge, bakwice, ubugingo bgawe buzokwama butēkeye mu mutēkero w’abariho ufiswe n’ Uhoraho Imana yawe, mugenzi: kand’ ubugingo bg’abansi bawe azobushibura nk’ibuye ritewe n’ umugozi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 25:29
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hanyuma y’ivyo, ijambo ry’ Uhoraho riza kuri Aburamu nko mu nzozi, riti Aburamu, nta co utinya: ni jewe nkinzo yawe, uzohabga impēra ikomeye cane.


Maz’ uwo mutwe wa Ishibosheti bawushīra umwami Dawidi i Heburoni, baramubarira, bati Nguyu umutwe wa Ishibosheti umwana w’ umwansi wawe Sauli, yahora aguhīga; Uhoraho ashubirije Sauli mu nkōko, n’abana biwe, abaguhōye, mwami wacu nyen’ ingoma.


Mber’ Imana izomurasa ntimuzigurize, Azokwifuza guhunga ngw ave mu maboko yayo.


Urupfu rw’abakunzi biwe N’urw’ igiciro mu nyonga z’Uhoraho.


Kukw abanyamahanga bāmpagurukiye, N’abantu b’ibirara barondeye ubugingo bganje, Batāshize Imana imbere yabo. Sela.


Izigama ubugingo bgacu ntibupfe, Kandi ntikundira ibirenge vyacu ko bitirimuka.


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho agize, at’ Eh’ ababa mu gihugu iki gihe nzobashiburira kure, nzobababaza kugira ngo bibonereko.


Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Bazoba abanje ku musi nzoshinga, babe abo niharije ubganje; kandi nzobagirira ikigongwe, nk’uk’ umuntu akigirira umwana wiwe amukorera.


Hasigaye igihe gito, ab’ isi ntibabe bakimbona, ariko mweho muzombona; kuko ndiho, namwe muzobaho.


kugira ngo bose babe umwe, nk’uko wewe, Data, uri muri jewe, nanje nkaba muri wewe, ngo na bo abe ari ko baba muri twebge, ngw isi yizere kw ari wewe wantumye.


Jewe mbe muri bo, nawe ube muri jewe, ngo bahīngūrwe babe umwe, kugira ngw isi imenye kw ari wewe wantumye, ukabakunda, nk’uko wankunze.


Yemwe Bisirayeli, murahiriwe! N’ihanga ki rihwanye namwe kuba ihanga ryarokowe n’Uhoraho, Ari we nkinzo ibakingira, ikabakiza, Ari we nkota ibubahiriza? Abansi banyu bazoza babakomere ibōbo, Namwe muzosiribanga ibitabo vyabo batavye ku mpinga z’imisozi.


mwebge abazigamwa n’ubushobozi bg’Imana kubg’ ukwizera, muzigamirwa agakiza kāteguwe kuzohishurwa mu gihe c’iherezo.


Azozigama ibirenge vy’abagororotsi biwe, Arikw abanyavyaha bazohonera mu muzimagiza, Kukw inkomezi z’umuntu atari zo zimuha kunesha.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ