27 None rero mwami wanje, nyakīrira iri shikanwa ngushikaniye, jewe umuja wawe, urigaburire imikangara yawe ikugendanira, mugenzi.
Nuko ndakwinginze, akīra iyo ngabire nkurungikiye; kukw Imana yangiriye ubuntu, kandi mfise ibimpāgije. Aramugōbēra, aravyākīra.
Umwami abaza Ziba, at’ Ibi n’ivy’ iki? Ziba aramwishura, at’ Indogoba n’izo kugira ngw abo mu rugo rwawe bazigendereko, mugenzi; imitsima n’ amatunda na vyo n’induhuro y’ imikangara, vino na yo n’iyo guhēmbūra abazogwira isari mu bugaragwa.
Hanyuma agarukana n’abantu biwe bose kur’ uwo muntu w’ Imana, araza ahagarara imbere yiwe, aramubarira, ati Noneho ndamenye kw ata yindi Mana iriho mw isi yose, atari mu Bisirayeli; enda rero ni wābīre ingemu nguhaye jewe umusavyi wawe.
Ishikanwa ry’umuntu rimuronkera akayira, Rimushitsa imbere y’abahambaye.
Ni co gitumye niyumviriye yuko nkwiye kwinginga abo bene Data kunyitangira imbere mu kuza i wanyu, ngo babanze gutunganya ivy’ ubuntu mwasezeranye kera, bibe vyiteguwe nk’ivy’ ubuntu, ata kinubge.
Bukeye Baraki ahamagaza Abazebuloni n’Abanafutali ngo bakoranire i Kedeshi; nukw ingabo ibihumbi cumi ziradūga zimukōndōreye inyuma, na Debora na we barajana.
Nuko Abigayili agira n’ingoga arahaguruka, aja ku ndogoba, ari kumwe n’abigeme batanu bamucorekeye; akurikira izo ntumwa za Dawidi, aba umugore wiwe.
Maze Dawidi ashitse i Sikulagi, arungikira abakunzi biwe b’ abashingantahe b’i Buyuda ku minyago, ati Ngivyo ivyo mbagabiye bivuye ku minyago y’abansi b’ Uhoraho.