24 yitembagaza imbere y’ ibirenge vyiwe, aramubarira, ati Mwami wanje, ico caha abe ari jewe kijako; ndakwinginze, jewe umuja wawe zirikana ico nkubarira, utegēre amajambo yanje.
Maze Yuda aramwegera, aramubarira, ati Mugenzi, zirikana, ndagusabe ijambo mvuga, ntumpambarire, jewe umusavyi wawe: kuk’ umeze nka Farawo.
Maz’ uno mugore aramubarira, ati Mwami wanje nyen’ ingoma, zirikana ico nkubarira, jewe incoreke yawe. Na we ati Nuko mbarira.
Uwo mugore w’i Tekowa yishura umwami, at’ Abe ari jewe bizosubira ku mutwe, n’inzu ya data, mwami wanje nyen’ ingoma, ntibize bikujeko cank’ ingoma yawe, mugenzi.
Nuko yigira hafi y’ah’ ari; nya mugore aramubaza, ati Ni wewe Yowabu? Na we at’ Ego me ni jewe. Aramubarira, ati Ni wumve amajambo yanje, jewe incoreke yawe; na we at’ Ego me ndumva.
Nukw arinjira, arunama ashika hasi imbere y’ibirenge vyiwe; araheza aterura umwana wiwe, arasohoka.
Hanyuma Esiteri yongera kuvugira imbere y’umwami, yikubita imbere y’inyundo ziwe, amwinginga arira, ngw akūreh’ inama mbi zāgīwe na Hamani Umwagagi, n’imigabo yiwe yari yagabiye kugirira Abayuda.
Gushishikara wiyoroheje vyemeza umucamanza, Kand’ ururimi rwiyoroheje rujanjagura igufa.
Uburake bg’ūganza ni bgakugurumanira, ntutirimuke ah’ uri; kuko kwiyorosha gutesha ibicumuro bikomeye.
Uyo mugenzi we yikubita hasi, aramutakambira, ati Nyihanganira, nzokwishura vyose.
Hanyuma Dawidi na we ava hasi, ava mur’ iryo senga nyene, ahamagara Sauli, at’ Urazirikanye, mugenzi! Sauli akebutse, Dawidi akubita inkoro hasi, aramwūnamira.
Nuko Abigayili abonye Dawidi, ava ku ndogoba yiwe vuba, akubita inkoro hasi, aramwūnamira;
Ndakwinginze, mwami wanje, woye kwiyumvira kur’ uwo muntu w’umugesera Nabali. Izina ni ryo muntu: Nabali ni ko yitwa, kand’ ubujuju ni ko kameremere kiwe. Ariko jewe umuja wawe sinigeze mbona imikangara yawe watumye, mwami wanje.
Ndakwinginze, mpangaza jewe umuja wawe, umparire igicumuro canje: Uhoraho ntazobura guha inzu yawe kurama, kuk’ urwana intambara z’Uhoraho, mugenzi, kandi nta kibi kizokubonekako imisi yose uzoba uriho.