Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 25:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Nuko Abigayili abonye Dawidi, ava ku ndogoba yiwe vuba, akubita inkoro hasi, aramwūnamira;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 25:23
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ku musi ugira gatatu haza umuntu avuye aho Sauli yar’ ashagaje, yitantamuriyekw impuzu ziwe, yiyoreye ivu mu mutwe; ashitse imbere ya Dawidi akubita inkoro hasi, aramwunamira.


Uwo mugore w’i Tekowa ashikiriye umwami, akubita inkoro hasi, aramwunamira, aramubarira, ati Ntabara, mugenzi.


Maze Ahimasi ashira ijwi hejuru, abarira umwami, ati Vyose vyagenze neza. Araheza akubita inkoro hasi imbere y’umwami, aramubarira, at’ Uhoraho Imana yawe ahimbazwe, yaguhaye abantu bari bakubanguriye amaboko, mwami wanje nyen’ ingoma.


Nuko Mefibosheti mwene Yonatani umwuzukuru wa Sauli arenguka imbere ya Dawidi; akubita inkoro hasi, aramwunamira. Maze Dawidi aravuga, ati Mefibosheti! Aritaba, ati Sabge!


Nuko Dawidi aja kwa Orunani; Orunani agize ngw ararāba, abona Dawidi; ava ku mbuga, arenga irembo, akubita inkoro hasi imbere yiwe, aramwunamira.


Maz’ agishika i w’umugabo wiwe, aramwinginga ngw asabe se itongo; Akisa ava ku ndogoba yiwe, Kalebu aramubaza, at’ Ugomba iki?


Maz’ agishika i w’umugabo wiwe, aramwinginga ngw asabe se itongo; Akisa ava ku ndogoba yiwe, Kalebu aramubaza, at’ Ugomba iki?


Yicisha bugufi, arūnama ashika hasi, aramubaza, ati N’iki gitumye ungirira ubuntu, ukambabara, kandi nd’ umunyamahanga?


Nuk’ uwo mwana amaze kugenda, Dawidi asokoroka aho yar’ ari i ruhande ya ca gihongo, akubita inkoro hasi, amwunamira gatatu; maze baragūmbīrana, bararira, ariko Dawidi we ararushiriza.


Hanyuma Dawidi na we ava hasi, ava mur’ iryo senga nyene, ahamagara Sauli, at’ Urazirikanye, mugenzi! Sauli akebutse, Dawidi akubita inkoro hasi, aramwūnamira.


yitembagaza imbere y’ ibirenge vyiwe, aramubarira, ati Mwami wanje, ico caha abe ari jewe kijako; ndakwinginze, jewe umuja wawe zirikana ico nkubarira, utegēre amajambo yanje.


Ava hasi arūnama, yicisha bugufi, aravuga, at’ Ehe nd’ incoreke yawe, umuja wo kwoza ibirenge vy’abantu ba databuja.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ