22 Ni bgāca hakir’ izinamuhungu n’umwe nja gusiga mu bantu biwe, Imana ibimpanire, jewe Dawidi, mbere birushirije!
ngo Nuko rero, ngo Ni co kizotuma atēza ivyago inzu ya Yerobowamu, agaherengeteza izinamuhungu wese kuri Yerobowamu aho bava bakagera mu Bisirayeli, ngw Agafyēfyētura inzu ya Yerobowamu, nk’uk’ umuntu afyēfyētura amavyi akayamaririkanya.
Amaze kwima, agishika ku ngoma, ageseza ab’ inzu ya Bayasha bose, ntiyamusigariza icitwa umuhungu n’umwe, uhereye ku b’i wabo no ku bagenzi biwe.
Mbere ngw Azokuzanakw ivyago, agufyēfyēture agukūreho, aherengeteze izinamuhungu wese wo kuri wewe, Ahabu, aho bava bakagera mu Bisirayeli;
Ngo Kand’ ab’ inzu ya Ahabu bose bazogesera; kandi ngw Azoherengeteza izinamuhungu wese wo kuri we, aho bava bakagera mu Bisirayeli.
ah’ uzogwa ni ho nzogwa, bahampambe: Uhoraho arakabimpanira, kandi birushirije, ni nagira ikizontandukanya nawe, atar’ urupfu.
Sauli aramwishura, ati Ni wagenda udapfuye ga Yonatani, Imana ibimpanire, mbere birushirije.
Ariko data ni yaramuka agomba kukugirira nabi, simbikumenyeshe, ngo nkurungike wīgīre uburarame, Uhoraho abimpanire, kandi birushirije. Kand’ Uhoraho az’ abane nawe nk’uko yabana na data.
Nuko Yonatani asezerana isezerano n’inzu ya Dawidi, ati Ni waricamwo, Uhoraho azoriguhōra atumye abansi bawe.
Aramubaza, ati Bga bundi yakubariye iki? Ntugire ico umpisha. Ni wagira ico umpisha mu vyo yakubariye vyose, Imana ibiguhanire, mbere birushirije.