Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 25:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Kandi Dawidi yari yāvuze, ati N’ivy’ ukuri vyabaye ivy’ ubusa kuzigama ivy’ urwo rugabo rwari rufise vyose mu bugaragwa, ntihazimire na kimwe mu vyo yar’ afise vyose! Namugiriye ivyiza, anyishuye ibibi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 25:21
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bavuye mu gisagara, batarashika kure, Yosefu abarira umubgiriza wiwe, ati Va hasi, ukurikire ba bagabo, maze ni wabashikīra, ubabaze, uti N’iki catumye mugirira nabi uwabagiriye neza?


N’abana b’ibipfapfa, mbere n’abana ba ba nyarucari; Bābaye ibicibga mu gihugu.


Nabakoreye ivyiza bansubiza ibibi, Bigahindura umutima wanje nk’imbura.


Reka ishavu, va mu burake, Ntuhagarike umutima, kukw ico kizana gukora ibibi gusa;


Abasubiza ibibi abābakoreye ivyiza Na bo bambereye abarwanizi, kuko nōma inyuma y’iciza.


Uwishura iciza ikibi, Ikibi ntikizoruha kiva ku nzu yiwe.


Mbeg’ iciza cokwishurwa ikibi? Ko banyimbiye icobo! Ibuka ingene nahagaze imbere yawe kugira ngo mbavugire neza, kugira ng’ uburake bgawe bubaveko!


Ikibi coye kukunesha, yamara ikibi ukinesheshe iciza.


Ni mwaraka ntibibakoreshe icaha: izuba ntirirenge mukiratse,


Umururazi wose no kujingitwa n’uburake no gutongana no gutukana bibavemwo, hamwe n’inzigo yose.


Mwirinde, ntihagire umuntu yīhōra uwundi ikibi yamugiriye, ariko mwame mukurikira iciza mu vyo mugiriranira no mu vyo mugirira abandi bose.


Ivyoba vyiza n’uko mwobabazwa muhōwe gukora ivyiza, ari co Imana igomvye, hako muhōrwa gukora ibibi.


ntimugere ikibi ku kindi, cank’ igitutsi ku kindi; ariko mubigerāne n’umuhezagiro, kukw ico ari co mwahamagariwe, kugira ngo namwe muragwe umugisha.


Nuko Dawidi abarira abantu biwe, at’ Umuntu wese n’ahagatire inkota yiwe. Nuk’ umuntu wese ahagatira inkota, na Dawidi na we ahagatira iyiwe; nukw abantu nk’ amajana ane badūgana na Dawidi, abagiye imbere; arikw abandi amajana abiri basigara ku bintu.


Arikw abo bantu bāhora batugirira neza cane, nta kintu na kimwe bātugiriye nabi, ntitwāgize ico tuzimiza igihe cose twābanye na bo, turi mw irāro;


Nukw akimanuka ari ku ndogoba yiwe, ajanye inzira ikingiriwe n’ umusozi, Dawidi n’abantu biwe bāriko baramanuka batumberanye na we; agize artya ahūra na bo.


Muti Yumvise k’ufise abantu bariko barakemura; muti Kand’ abungere bawe bābāna na bo, nta co bābagiriye nabi, nta co bājimije igihe cose bābaye i Karumeli.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ