20 Nukw akimanuka ari ku ndogoba yiwe, ajanye inzira ikingiriwe n’ umusozi, Dawidi n’abantu biwe bāriko baramanuka batumberanye na we; agize artya ahūra na bo.
Nuk’ uwo mugore ashirisha amatandiko ku ndogoba, abarira uwo muntu, ati Yobora tugende: ntuyigenze bu horo shiti nkubgiye.
Abarira abantu biwe, ati Ni munyītangire imbere, mugende, nanje ndaje ndabakurikiye. Ariko ntiyabibgira Nabali umugabo wiwe.
Kandi Dawidi yari yāvuze, ati N’ivy’ ukuri vyabaye ivy’ ubusa kuzigama ivy’ urwo rugabo rwari rufise vyose mu bugaragwa, ntihazimire na kimwe mu vyo yar’ afise vyose! Namugiriye ivyiza, anyishuye ibibi.