19 Abarira abantu biwe, ati Ni munyītangire imbere, mugende, nanje ndaje ndabakurikiye. Ariko ntiyabibgira Nabali umugabo wiwe.
Abiha abantu biwe, ubusho bgose ukwabgo; arababarira, ati Ni munyītangire imbere mujabuke, kandi mugende muhānye inta hagati y’ubusho n’ubundi.
Maz’ abarira n’ uwa kabiri n’uwa gatatu kuno nyene, n’abashoreye ayo masho bose, at’ Ukw abe ari ko mubarira Esau, ni mwamubona:
kandi muvuge, muti Mbere n’umusavyi wawe Yakobo ar’ inyuma yacu. Kuko yiyumviriye, ati Reka ndamuhōyahōyeshe indamukanyo zinyītangiye imbere, mpeze mbone guseruka imbere yiwe: kumbure yondeka akampangaza.
Nukw izo ndamukanyo zimwītangira imbere, ziragenda; ariko we arāra ngaho iryo joro ah’ abiwe bashagaje.
Agendeza ingeso z’abo mu rugo rwabo, Kandi ntarya ivyo kurya vy’ ukwamikara.
Umusi ur’ izina, Yonatani mwene Sauli abarira umuhungu yamutwaza ibirwanishwa, ati Ngwino tujabuke tuje ku nsago z’Abafilisitiya hakurya. Ariko ntiyabibarira se.
Nukw akimanuka ari ku ndogoba yiwe, ajanye inzira ikingiriwe n’ umusozi, Dawidi n’abantu biwe bāriko baramanuka batumberanye na we; agize artya ahūra na bo.
Nuko Abigayili asubirayo, asanga Nabali yarondeje amazimano mu nzu yiwe, nk’amazimano y’umwami, asigaye adayangwa kuko yaborewe cane; ni co catumye atagira ico amubarira, ari gito ari kinini, gushitsa bukeye.