Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 25:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 None rer’ ubimenye, wiyumvire ico wokora, kuko hagiye kuba ivyago kuri databuja no ku rugo rwiwe rwose, kand’ ar’ umuntu w’umugesera, ata woshobora kugira ico amubgira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 25:17
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Gadi aja kwa Dawidi arabimubgira; aravuga, ati Ngo Mbega hatere inzara mu gihugu cawe, imare imyaka itatu, canke ng’ Uhīgwe n’abansi kumara amezi atatu, canke ngo Hatere ikīza mu gihugu cawe, kimare imisi itatu? Ni wiyumvire rero, uvuge ico nja kwishura Iyantumye.


maze muzane abantu babiri b’inshirukanya, baje imbere yiwe bamwagirize, bati Warogose ku Mana no ku mwami. Muheze mumujane inyuma y’ igisagara, mumwicishe amabuye.


maz’ abo bantu babiri b’inshirukanya baraza bamwicara imbere, bāgiriza Naboti ngaho imbere y’ abantu, bati Naboti yarogose ku Mana no ku mwami. Maze baca bamukūra mu gisagara, bamwicisha amabuye.


Maz’ abantu b’imburakimazi kandi b’inshirukanya bakoranira kuri we, baraheza binantaza kuri Rehobowamu mwene Salomo, igihe Rehobowamu yar’ akiri muto, akiri seniryo, adashobora kubahagarara imbere.


Akirikw aramubarira, umwami aramubaza, ati Har’ aho twākwātiye ng’ uje mu bashingantahe banje? Ziba, ntuhave ukubitwa! Nuk’ uwo muvugishwa arahora, arikw aravuga, ati Nzi yukw Imana yagabiye kukwica, ko wakoze ivyo, kandi wanse kwumva inama yanje.


Umwami aca ahagurukana uburake, ava ku giturire ca vino, arasohoka aja mu nyubakwa yo ku ngoro; Hamani na we ava hasi ngw asabire agatwe kiwe ku mwamikazi Esiteri; kuko yar’ abonye k’umwami amaramaje kumwica.


Umuntu ashimirwa ubgenge bgiwe nk’uko bungana, Arik’ ūfise umutima ugoramye baramugaya.


bati Hādutse abagesera muri mwebge bariko barakwegakwega abo mu gisagara cabo, bat’ Ingo tugende, dusabe izindi mana, kand’ ar’ izo mutigeze kumenya;


Bakiriko barījandajandira, haza abanyagisagara b’abanyangeso mbi, bakikiza iyo nzu impande zose, bakubitagura ku rugi, babarira uwo mutāma nyen’ urugo, bati Sohora uwo mugabo yinjiye i wawe, tumwonone.


Arikw abantu b’abagesera bamwe baravuga, bati Mbeg’ uwo muntu yodutabara ate? Baramukēngēra, ntibāruha bamuzanira n’ imishikīro. Arikw apfa kwinumira.


Kandi bene Eli bār’ abanyangeso mbi; bāpfa uko bagize ivy’ Uhoraho,


Maze ni yavuga, ati Nuko ni vyiza; umusavyi wawe nzoba nd’ amahoro; ariko ni yaraka, uzoca umenya ko yamaramaje ivyo kuzongirira nabi.


Yonatani aramwishura, ati Biragahera! None nomenya ko data afise inama yo kukugirira nabi, sinoca ndabikubgira?


bātubereye uruzitiro rudukingira mw ijoro no ku murango igihe cose twāmaranye na bo turagiye intama.


Maze Abigayili arakwakwanya, akora imitsima amajana abiri, n’imikuza ibiri ya vino, n’inyama zihiye z’amapfizi atanu y’intama, n’ingero zitanu z’ingano zikaranze, n’imisoko ijana y’inzabibu zumye, n’uturobe amajana abiri tubumbabumbge mu nsukoni, abiremēka indogoba.


Ndakwinginze, mwami wanje, woye kwiyumvira kur’ uwo muntu w’umugesera Nabali. Izina ni ryo muntu: Nabali ni ko yitwa, kand’ ubujuju ni ko kameremere kiwe. Ariko jewe umuja wawe sinigeze mbona imikangara yawe watumye, mwami wanje.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ