16 bātubereye uruzitiro rudukingira mw ijoro no ku murango igihe cose twāmaranye na bo turagiye intama.
Ntiwamuzitiriye uruzitiro rumukikije, bo n’inzu yiwe, n’ivy’ atunze vyose? Wahezagiye igikorwa c’amaboko yiwe, kand’ itunga ryiwe ryagwiriye mu gihugu.
Maz’ Abisirayeli baca hagati mu kiyaga nk’abaca ku musozi; amazi ababera nk’umurombero i buryo n’i bumoso.
Kandi mur’ ubu bgoko nzoguhindura uruzitiro rukomeye rw’imiringa; bazokurwanya, ariko ntibazokunesha, kuko nzoba ndi kumwe nawe ngo ngukize, nkurokore, ni jewe Uhoraho mbivuze.
Kukw ari jewe nzohabera uruzitiro rw’umuriro ruhakikije, ni k’Uhoraho agize, kandi nzohabera ubgiza ndi hagati mu mugoma.
None rer’ ubimenye, wiyumvire ico wokora, kuko hagiye kuba ivyago kuri databuja no ku rugo rwiwe rwose, kand’ ar’ umuntu w’umugesera, ata woshobora kugira ico amubgira.