14 Maz’ umwe mu mikangara ya Nabali abarira Abigayili muka Nabali, at’ Erega Dawidi yatumye intumwa ziva mu bugaragwa ngo zize kuramutsa databuja; na we araheza arabarandamukira.
Abahahita baramucurīra, bazunguza imitwe, bati Yō, wewe usambura urusengero, ukarwubaka mu misi itatu,
Agiheza kucosa, Samweli arashika; maze Sauli arasohoka aja kumusanganira ngw amuramutse.
Maze Samweli ashikīra Sauli; Sauli aramubarira, at’ Uragahezagirwa n’Uhoraho! Ico Uhoraho yambariye nāgishikije.
Uwo muntu yitwa Nabali, umugore wiwe yitwa Abigayili; uwo mugore yar’ umunyabgenge, kandi yar’ umunyakaranga, arik’ umugabo wiwe yar’ umuntu w’ikigoryi kandi w’imico mibi; yar’ uwo mu muryango wa Kalebu.