12 Nukw iyo mikangara ya Dawidi barahindukira, basubirayo; bashitse bamwīgānira ivyo vyose.
Nuko Gadi aja kwa Dawidi arabimubgira; aravuga, ati Ngo Mbega hatere inzara mu gihugu cawe, imare imyaka itatu, canke ng’ Uhīgwe n’abansi kumara amezi atatu, canke ngo Hatere ikīza mu gihugu cawe, kimare imisi itatu? Ni wiyumvire rero, uvuge ico nja kwishura Iyantumye.
Mwumvire ababaganza, mubagamburukire: kukw ari bo bama bagavye bazigama imitima yanyu, nk’abazobibazwa; mugenze murtyo kugira ngo babikore banezerewe, batitsa umutima, kuko bimeze birtyo ata co vyomarira mwebge.
None ntore imitsima yanje n’amazi yanje n’inyama nabāgiye abakemuzi banje, mbihe abantu ntazi iyo bava?
Nuko Dawidi abarira abantu biwe, at’ Umuntu wese n’ahagatire inkota yiwe. Nuk’ umuntu wese ahagatira inkota, na Dawidi na we ahagatira iyiwe; nukw abantu nk’ amajana ane badūgana na Dawidi, abagiye imbere; arikw abandi amajana abiri basigara ku bintu.