10 Nabali yishura abo bantu ba Dawidi, ati Dawidi n’iki? Kandi mwene Isayi n’iki? Erega mur’ iyi misi harih’ abashumba benshi bātaye ba shebuja.
Hār’ umuntu w’umugesera yitwa Sheba, mwene Bikuri Umubenyamini; aca avuza inzamba, aravuga, ati Dawidi nta co tumwegako, nta mugabane dufise kuri mwene Isayi: yemwe Bisirayeli, hogi twitahire, umuntu wese aje i muhira!
Maz’ Abisirayeli bose babonye yuk’ umwami yanse kubemerera, baramubarira, bati Dawidi har’ ico tumwegako? Eka nta mugabane dufise kuri mwene Isayi: yemwe Bisirayeli, hogi twitahire i muhira! Nawe Dawidi, urimenya, mwe n’umuryango wawe! Nukw Abisirayeli baritahira, basubira i wabo.
Farawo arababaza, at’ Uhoraho ni nde, ngo ndamwumvire, ndekure Abisirayeli? Uhoraho sindamuzi, kandi sindekura Abisirayeli.
Ukwishura kwiyoroheje guhwama uburake, Arikw ijambo ribabaza rivyura ishavu.
Ntukavuge, uti Ni ku ki imisi ya kera iruta iy’ ubu? Kuko mur’ ivyo utaba ubajije ivy’ ubgenge.
Igipfapfa ntibazoba bakimwita umupfasoni, kand’ uwigungirako ntibazoba bakimwita umunyabuntu.
Kand’ ibikoreshwa vy’uwigungirako ni bibi: agira akazikira k’ikibi ko kuzikiriza abagorwa n’amagambo y’ibinyoma, naho hoba umukene afise urubanza.
Gayali mwene Ebedi aravuga, ati Abimeleki n’iki, kand’ ab’i Shekemu duhūriye hehe na we, vyotuma tumusaba? Mbeg’ uyo mwene Yerubayali, bo na Zebuli amutwarira, kera ntibāri bashumbiye Abanyahamori, ari we Sēshekemu nyene? None n’iki cotuma tumusaba?
Maz’ uburake bga Sauli buziriringira Yonatani, aramubarira, ati Wa mwana w’umugore w’intumva kandi w’inshirukanya! Mbeg’ ugira ngo sindabizi ko watoranije mwene Isayi ngo wīmāramāze, wambike na nyoko ibara?
Kand’ umuntu wese yari mu magorwa, n’ūrin’umwenda, n’ūgendana imyidogo bakoranira kuri we, aba umukuru wabo; nukw abo bantu bāri kumwe na we bāri nk’amajana ane.
Abo bahungu bo kwa Dawidi bashitse, babarira Nabali ivyo Dawidi yabatumye vyose, baraheza bītega ico abishura.