Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 25:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Maze Samweli apfuye, Abisirayeli bose bakoranira hamwe, baramuririra; bamuhamba i we i Rama. Hanyuma Dawidi ava hasi, aramanuka aja mu bugaragwa bg’i Parani.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 25:1
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

n’Abahori babazingazingira i wabo mu mugamba i Seyiri, barabakinagiza babashitsa Eliparani hahereranye n’ubugaragwa.


Aba mu bugaragwa bg’i Parani; nyina amusabira umugeni mu gihugu ca Egiputa.


Sara araheza apfira i Kiriyati‐Araba (ari ho Heburoni), mu gihugu c’i Kanani: Aburahamu aza kuririra Sara, no kumuborogera.


Ben’ igihugu b’Abanyakanani babonye ingene baririra ku mbuga yo muri Atadi, baravuga, bat’ Ehe kugandara kw’Abanyegiputa kw’ igitangaza! Ni co catumye bahita Abeli‐misirayimu; hāri hakurya ya Yorodani.


Nuko Benaya mwene Yehoyada aradūga, amutsindaho, aramwica; bamuhamba mu rugo rwiwe bgite rwari mu bugaragwa.


Nuko Manase ahamvya ba sekuruza, ahambga mu murima wo ku rugo rwiwe, war’ umurima wa Uza; maz’ umuhungu wiwe Amoni asubira ku ngoma yiwe.


Nuko Manase ahamvya ba sekuruza, ahambga mu rugo rwiwe; maz’ umuhungu wiwe Amoni asubira ku ngoma yiwe.


Ewe jewe ndagowe, kuko mba i Mesheki nd’ inyambukīra, Nkaba mu mahema y’i Kedari!


Abami b’amahanga bose uko bangana basinzirira itiro ry’urupfu mu cubahiro, umwami wese mu ngoro yiwe bgite;


Ba sogokuruza banyu bari hehe? Cank’ abo navugishije mbega bokwamyeh’ ibihe vyose?


Abisirayeli barahaguruka, bagenda bakurikirana nk’uko vyashinzwe, bava mu bugaragwa bg’i Sinayi, ico gicu gihagarara mu bugaragwa bg’i Parani.


Hanyuma barahaguruka, bava i Haseroti, basagaza mu bugaragwa bg’i Parani.


Bashitse, basanga Mose na Aroni n’ikoraniro ryose ry’Abisirayeli i Kadeshi, mu bugaragwa bg’i Parani. Babīgānira inkuru, hamwe n’iryo koraniro ryose, babereka n’ivyo bamuye mur’ ico gihugu.


Nuko Mose abatuma ari mu bugaragwa bg’i Parani, nk’uk’ Uhoraho yageze: abo yatumye bose bār’ abakuru bo mu Bisirayeli.


Ishengero ryose ribonye ko Aroni apfuye, iyo nzu yose ya Isirayeli bamara imisi mirongwitatu bamuririra.


Abantu bubaha Imana bahamba Stefano, baramuborogera cane.


Abisirayeli bamara imisi mirongwitatu baririra Mose, bari mu kiyaya c’i Mowabu; nukw imisi yo kuririra Mose no kumugandarira irarangira.


Bukeye barazinduka, baja imbere y’Uhoraho barasenga; bahejeje barataha, basubira i wabo i Rama. Maze Elukana arārira Hana umugore wiwe, Uhoraho aramwibuka.


Samweli yar’ amaze gupfa; Abisirayeli bose bari baramuririye, bamuhamba i Rama mu gisagara yabamwo. Kandi Sauli yari yarahoneje abahamagara imizimu n’ abamenyi mu gihugu.


agaheza agasubira i Rama, kukw ari ho urugo rwiwe rwari ruri, na ho nyene akahacīrira Abisirayeli imanza. Kandi yari yarahubakiye Uhoraho igicaniro.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ