Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 24:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Nuko Dawidi aramubaza, ati N’iki gituma uja ku vyo abantu bakubarira, ngo Dawidi agomba kukugirira nabi?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 24:9
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ūbeshera mugenzi we mu mpisho nzomurandura: Ūgamika, akagira umutima wibona, sinzomwihanganira.


Abacamanza babo bazotembagarizwa mu manga, Ni ho abantu bazokwumviriza amajambo yanje, kukw aryoshe.


Umuntu w’ikigoryi yandurutsa intonganya, Kand’ ūneguranira mu vyongorerano atandukanya abakundana cane.


Inkozi y’ikibi ishira umutima ku minwa y’ibibi, Kand’ umunyabinyoma atega ugutwi ururimi rw’akazīkira.


Amagambo y’ūneguranira mu vyongorerano ni nk’ivyo kurya biryoshe, Bimanuka bija epfo mu nda.


Umuyaga uva i burārūko uzana imvura; Ni ko n’ururimi rurementanya ruzana kwiraburanirwa mu maso.


Ururimi rubesha rwanka abo rwakomerekeje, Kand’ akanwa gahemana kazana uguhona.


Ūganza, iyo yumvira ibinyoma Abasavyi biwe bose baba ar’ abanyavyaha.


Ikindi, Yeremiya abaza umwami Zedekiya, ati Mbega nagucumuyekw iki, cank’ abantu bawe, cank’ ubu bgoko, ko mwanshize mw ibohero?


Ntihaze hagire ūgendagendeshwa no guteranya abantu, kandi ntihaze hagire uwitangakw icabona c’ ibinyoma co kwicisha mugenzi we: ni jewe Uhoraho.


Ururimi n’umuriro, n’ikibi kingana n’isi: ururimi rwashizwe mu ngingo zacu, ruhumanya umubiri wose, rudomeka ukubaho kwacu kwose, na rwo ruba rwadometswe na Gehinomu.


Nuko Dawidi arahunga, ava i Nayoti i Rama, araza abaza Yonatani, ati Mbega nzira iki? Nacumuye mu ki? Ikibi nagiriye so n’igiki, gituma arondera kunyica?


Nuk’ uwo mwana amaze kugenda, Dawidi asokoroka aho yar’ ari i ruhande ya ca gihongo, akubita inkoro hasi, amwunamira gatatu; maze baragūmbīrana, bararira, ariko Dawidi we ararushiriza.


Aho ntubonye k’Uhoraho yar’ akugabuye mu maboko yanje uyu musi, mur’ iri senga? Mbere harih’ abāmbgiye kukwica, ariko ndakwirekera, nti Sinokoza ukuboko kuri databuja, nti Kukw ari we Uhoraho yimikishije amavuta.


Hanyuma Dawidi na we ava hasi, ava mur’ iryo senga nyene, ahamagara Sauli, at’ Urazirikanye, mugenzi! Sauli akebutse, Dawidi akubita inkoro hasi, aramwūnamira.


Ati Mbega mugenzi, umpīgira iki, jewe umusavyi wawe? Nakoze iki? Ndikw igicumuro ki?


None rero ndakwinginze, mugenzi, zirikana amajambo yanje jewe umusavyi wawe, mwami; asangw’ ar’ Uhoraho yakungomoreye, ni yemere ndamuhe ikimazi; na ho ni baba ar’ abantu, barakavumwa imbere y’Uhoraho, kuk’ ubu banciye, ngo singire umugabane mw ishamvu y’Uhoraho, bakavuga ngo ni ngende gusaba izindi mana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ